Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nelson Mandela yasubiriye kuremba
 Nelson Mandela yasubiriye kuremba
 Nelson Mandela yasubiriye kuremba
				
				lundi 24 Ruheshi 2013
Leta ya Afrika y’epfo yatangaje ko Nelson Mandela yarushijeho kuremba mu bitaro ariko yivurizamwo indwara y’amahaha.
Umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo, Jacob Zuma, yamenyesheje ko yasuhuje Nelson Mandela mu bitaro kandi akavugana n’umugore wiwe, ndetse n’abaganga bamuvura.
Mw’itangazo yashyize ahabona, umukuru w’igihugu Zuma yavuze ko abaganga bari bamubwiye ko Mandela yari amaze amasaha 24 ameze nabi cane.
Yongeye amenyesha ko abaganga bariko barakora ibishoboka vyose kugira ngo yoroherwe.
Nelson Mandela ari ku ngoyi ubu yabaye umukuru w’igihugu wa mbere w’umwirabure wa Afrika y’epfo, yajanywe mu bitaro vyo mu gisagara ca Pretoria mu ntango za kuno kwezi ku ncuro ya gatatu muri uno mwaka arwaye indwara y’amahaha.
Uwuramutswa igihugu muri kino gihe Jacob Zuma, ari kumwe n’icegera ciwe, n’umukuru w’umugambwe ANC uri ku butegetsi Cyril Ramaphosa basavye abantu gusengera Nelson Mandela n’abaganga bariko baramuvura.
Egide Nduwimana
