Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nelson Mandela yatoye mitende gato
 Nelson Mandela yatoye mitende gato
 Nelson Mandela yatoye mitende gato
				
				vendredi 28 Ruheshi 2013
Umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo, Jacob Zuma avuga ko amagara ya Mandela yiyunguye gatoyi mw’ijoro ryaraye rikeye.
Jacob Zuma amaze kubonana na Nelson Mandela, uwo mutama yarwanije intwaro ivangura ya apartheid, yavuze ko ubu vyopfuma kurusha ejo mw’ijoro.
Uko amerewe biracakomeye, ariko ubu vyopfuma.
Umukobwa wiwe w’imfura yamesheje ko ku munsi wa gatatu, haraheze imisi ibiri, Mandela yashobora kwishura ivyo abajijwe, kandi ko yagerageza kwugurura amaso iyo yumvise abo mu muryango wiwe baje kumusuhuza bavuze.
Mu gihe Nelson Mandela amaze indwi zibiri zirenga ariko aravurwa indwara y’amahaha, umukobwa wiwe w’imfura ariyamirije ukuntu ibinyamakuru vyo mu mahanga vyugarije ibitaro arwariyeko, abisaba kwubahiriza agateka ka se wiwe Nelson Mandela.
Egide Nduwimana
