IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ngagara:Abapolisi barafashe umurwi w’abasuma 8

Ngagara:Abapolisi barafashe umurwi w’abasuma 8

jeudi 18 Ndamukiza 2013

Umurwi w’abasuma bitwaje ibirwanisho baguye mu mutego w’abapolisi barikumwe n’abanyagihugu muri karatiye ya 10 komine Ngagara mu gisagara ca Bujumbura.

Muri abo basuma,3 barapfuye,umwe arakomereka, 4 barafatwa mugihe bariko baja kwiba ku rugo rw’umunyamahanga ava mugihugu c’Ubushinwa.Muri abo bapfuye 2 bafashwe n’umuyagankuba mu gihe umwe nawe yarashwe n’aba polisi.

Kubwa musitanteri wa komine Ngagara Dezire Gahungu, arashimishwa cane n’igikorwa cakozwe n’abapolisi bafadikanije n’abanyagihugu, abasaba ko bokomeza kwirarira kugira utwo turwi twabasuma twigize ndanse badutuze.

Abanyagihugu nabo nyene ahabo ngo barashimishwa gose n’ico gikorwa co gutuza abo basuma ariko bagasaba ko inzego z’umutekano zokongerezwa kugira abo basuma batuzwe.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.