IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ngagara : Ikirindiro c’abasirikare cashizwe hafi y’ahaheruka kubera (...)

Ngagara : Ikirindiro c’abasirikare cashizwe hafi y’ahaheruka kubera ubwicanyi

lundi 19 Gitugutu 2015, par egide

Ikirindiro c’abasirikare cashizwe kw’ishure rito ryo muri karitiye ya gatatu ya zone Ngagara, hafi y’ikibuga c’umupira w’amaguru ahatowe ibiziga bine, bitatu kuri uwu w’Imana, ikindi mu gatondo ko kuri uwu wa mbere.

Abanyagihugu bo muri zone ya Ngagara, hafi y’ahaheruka kubera ubwicanyi bamenyesha ko bashimishijwe n’uko umutekano wabo wongerejwe, ivyo bikaba vyakozwe inyuma y’amagerenade yatewe ku muhingamo wo kuri uwu wa mungu, ku kibuga c’umupira w’amaguru co muri karitiye ya gatatu, mu nyuma hatorwa ibiziga bitatu, hamwe n’ikindi kimwe kuri uwu wa mbere.

Mu giporisi c’Uburundi bakavuga ko bamenye umwe muri abo bishwe n’abantu bataramenyekana. OP1 Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko uwo bamenye ari umuporisi azwi kw’izina rya MUTWA, yakora mu giporisi kijejwe gucungera inzego API (Appui pour la Protection des Institutions).


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.