IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ngagara : Inkoho yanyegejwe muri Bibiriya

Ngagara : Inkoho yanyegejwe muri Bibiriya

jeudi 4 Mukakaro 2013

Ku muhingamo wo ku munsi w’ejo kuwa gatatu, igipolisi c’Uburundi carafashe abagizi ba nabi bane, muri komine Ngagara, hafi y’isoko bita kwa Siyoni, bakaba bari bitwaje inkoho zibiri zo mu bwoko bwa kalachnikov, imwe yo mu bwoko bwa pistolet hamwe na gerenade zibiri.

Abo bagizi ba nabi, imbere y’uko igipolisi kibikeka bari mu muduga. Ubuhinga bwinshi bari bakoresheje mu kunyegeza iyo nkoho yo mu bwoko bwa pistolet bwaratangaje cane kuko bari bayinyegeje muri Bibiliya, ariko vyababanye ivy’ubusa kuko igipolisi cabibonye nk’ejo gica kibata muri yompi.

JPEG - 54.3 ko
Pistolet yanyegejwe muri Bibiliya ku buhinga butangaje

Baragerageje mugabo ubuhinga bw’abapolisi ntibwabemereye gutambuka na kabiri. Inyuma y’aho bahejeje kubumviriza, igipolisi camenyesheje ko abo bagizi ba nabi ritabaye irya mbere bafatwa kuko muri bo harimwo uwahora mw’ibohero rikuru rya Mpimba haraheze amezi atatu.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.