IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ngagara : Umuntu umwe yishwe mu gitero, abandi batanu barakomereka

Ngagara : Umuntu umwe yishwe mu gitero, abandi batanu barakomereka

mardi 19 Ndamukiza 2016, par egide

Amasasu menshi yarumvikanye mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere mu gisagara ca Bujumbura, muma karitiye ya Kinama, Kamenge, Jabe hamwe no mu Ngagara muri karitiye ya 5 ahatewe ubunywero KWA NDIZEYE buri hafi y’ikambi y’igiporisi kijejwe gucungera inzego API (Appui à la Protection des Institutions). Muri ubwo bunywero, umuntu umwe yarishwe, abandi batanu barakomereka.

Muri ico gitero cakozwe n’abantu bataramenyekana cabaye nk’igihe zine z’ijoro muri ubwo bunywero, umwigeme azwi kw’izina rya Belinda MUNYANA yahora aba mu Ngagara karitiye y’indwi niwe yahasize ubuzima, abandi batanu barakomereka.

Belinda MUNYANA yaraye agandaguwe yari ahejeje amashure ya Kaminuza kuri Université Espoir d’Afrika, akaba yakora mw’ishirahamwe LUMITEL. Yarigeze n’ugukora nk’umumenyeshamakuru yimenyereza kuri radio ISANGANIRO.

IGIHE

Messages

  • Imana imwakire mubwami bwayo gusa icombona iyomivyimba baribakwiye kuza barayegeranya Baja kuyirunda murugo kwa nkurumbi kuko ivyovyose niwe yabiteye

  • Mwirinde Kuza Mutuka Abakuru Uko Baba Kwose Imana Niyizi Ibikwiye

  • Mwirinde Kuza Mutuka Abakuru Uko Baba Kwose Imana Niyizi Ibikwiye Imana Imwakire

  • Nkurunziza! !!! Turakumbuye igikorane. Turaryoherwa iyo tukubonye uriko URAKINDA. Uririmba amakorasi nudutima tubiri kuko iyakariye ntigata none sibyo nyakubahwa ?hahahahahhhh.Erega uzotwara gushika yesu agarutse biri muri Matayo 007. Ikindi ntuze usibe mu entrainement na Allelluia fc kk navyo biri muri bibiriya . Wibuke ko n’Imana yagusavye guha akazi abadafise ubushobozi bukwiye kugira igihugu giterimbere. Wame ukorana nabagabo bijunja nka Sindimwo na jacques Bigirimana. Uwuvuga ibidashimisha ubutegetsi cg abakora imyiyerekano nukubakuramwo kamwe kamwe maze twebwe imbones, abasirikare n’abapolisi dukorera umugambwe uri kubutegetsi tuzopfa turya shiiirira........ somalie na centrafrique

  • Ndahojej Umuryang Wabuz Ark Ababisha Bakoramwenivy Nibabihagarik Kuk Batabihevy Imana Izobavunagura Atacamira Imana Ikwakir Mtbwami Bwayo Tuzama Tugusengera

  • Ndahojej Umuryang Wabuz Ark Ababisha Bakoramwenivy Nibabihagarik Kuk Batabihevy Imana Izobavunagura Atacamira Imana Ikwakir Mtbwami Bwayo Tuzama Tugusengera

  • Imana Imwakire Mubwamibwayo .Amen

  • Tari,nagira ndakubwire ikintukimwe buca ugwara umutima(uperatantion)kuko ivyuvuga nivyabasazi mbe abantu bariko bicana sabiwanyu muri sinared,muriko mukwiza igitigiri mwasabwe nububirigi mukwica abantu!ayamaraso nimurindire azobakora na Obama warumvise ko yicuza kumabi yabanye LIBIYA nawe rindira ngirango urazi ivyabamwenewanyu baba sans echec!bamerewegute ubu?rindira!!kuko ntuzoguma kwisi.Wwarasumvya BAKEVYA kuri kabizi RPA?yahitanywe numutima none nawe rindira.

  • Imana imwakire ariko abo bamenja bazoteba bamenyekana

  • Nyakubahwa Nkurunziza Turagusavye Ibibintu Bihagarare.Canke Mutubwireko Vyaseko Mugwanya Abo Bicanyi, Twebwe Tubironderere Erega Turabazi?Tubwire Twironderere Ibikoresho,

  • Birababaje.Abarundi twaridukwiye gufatana munda tukubaka igihugu.Nka Tari na Rwasa bakavuga rumwe kubiraba igihugu Vyoba arivyiza!

  • Jewe Ngomba Nse Nuwuhoz Uwo Muryango Wabuz Nvuga Nti Porde Sanaaa Nonger Nipfuz Ko Abobakoz Ako Kabi Kobofatwa .

  • Sukubbaza gsa ico mwomenya uwicisha inkota nawe iramurindiriye, abantu nibamenye ko twese tuzopfa nne wagize bareke kugira nabi, baze dusenge Umuremyi hama twipfire ntakundi!!!

  • Sukubbaza gsa ico mwomenya uwicisha inkota nawe iramurindiriye, abantu nibamenye ko twese tuzopfa nne wagize bareke kugira nabi, baze dusenge Umuremyi hama twipfire ntakundi!!!

  • amatohoza nakore hanyuma abakoze iryobara bahanwe namategeko

  • Nimwihane bavandimwe kk turi mumisi yinyongera ,aba bapfa nibenewacu nibashiki bacu ,tari iyo shetani ikurimwo ikuvemwo mwizina ry’ Juses kkb
    Nkurunziza ntabwo yagutumye kwica abantu ahubwo uwaguyumye niyo shetani mugendana mugihe utokizwa umuriro uzowota MWe nashetani reka kupfisha ubusa wanya wogusenga twishinga basumirinda Abo imiryango yabo iba mumahanga .Ndahojeje umuryango wabuze umuvandimwe iwacu Imana imuhe ikibanza kimubereye

  • NGO yarumuhutu canke yarumututsi ? None hoho NGO bamuhoye iki ? Pole Sana Burundi .

  • Kuki ubaza ubwoko bwiwe !iciyumviro nk’iki ntikiba gikwiye kuja kumbuga kuko l’auteur nous remets en arrière et il complice dans les problèmes qui rongent le pays et pourquoi l’ubuntu de mandela ne vous servent pas d’exemple?Oh les bantous qui ne vivent pas l’humanisme mais c’est àcause de quoi? Je pense que c’est la forêt qui empêche de voir le ciel ou le soleil .vous les hommes de cain

  • sindakubesha buri muntu wese guhera kuri Adamu na Eva Azoronka Impera Ikwiranye N’ivyo Yakoze , Ar’ivyiza Canke Ibibi. Ingero Y’icaha N’urupfu ( Urupfu Rwa Kabiri ) . Ingero Z’abateye Umugongo Icaha,bakatura Ivyaha Vyabo, Bakihana Bakabireka N’ubugingo Buhoraho. Twese Twibaze Ico Turi Co Uyu Musi Tumenye Ico Dusabwa N’umuremyi W’isi N’ijuru. Matayo 3 : 1-2 , 4 : 17

  • Imana imwakire mubwami bwayo kweli agiye akiri muto yarageze aho akorera igihugu. Amen

  • Abarundi Muzokwicana Kugera Ryari? Urazi Abicanyi Nkabo Yesu Ntazobemera Satani Newe Ati Muvyonabatumye Sivyo Najew Ntankivyonakoz Mbaz Non Bazoca Bajahe?!.

  • Harya ubu uyu azize abanyarwanda, kubera Nkurunziza abashuka bandimwe b’abarundi, ubu aho mugana murabona ari heza.

  • Tokashitani ,muburunditurakwirukanye .Usubire Iyowavuye ,urekekwica ’Abantu Genda Ugwemumuriro.

  • ARIKO ABO BANTU BAKORA IVYO BINTU BARAKWIYE KWIKEBUKA NKUWO MWIGEME YARAYE AZIZE IKII????URAZI UKUNTU YARIMWIZA

  • Interahamwe zo mu Burundi zifite isano n izi I rwanda

  • Uburundi Bwahindutse Amacunira Hamwe Tutokwikebuka Turapeuye Nkabana B’inyoni.

  • Imana imuruhure amahoro natwe turi inyuma tumukurikira

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.