IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ngendakuriyo Innocent batazira Nzarabu ntawuzi irengero ryiwe

Ngendakuriyo Innocent batazira Nzarabu ntawuzi irengero ryiwe

dimanche 30 Kigarama 2012

Kuva mw’ijoro ryo ku munsi wa gatanu italike 28 Kigarama 2012, umunyororo yitwa Ngendakuriyo Innocent batazira Nzarabu ntawuzi iyo yagiye. Amakuru menshi avuga ko yoba yarishwe . yari yadomye urutoke ku bategetsi bakomeye mu gipolisi n’ipereza ko bafise uruhara mu bwicanyi bwahitanye abantu 39 biciwe mu Gatumba mu mwaka uheze.

Ngendakuriyo Innocent batazira Nzarabu azwi nk’icabona akongera akaba uwagirizwa akomeye mu bwicanyi bwahitanye abantu 39 mu Gatumba mu kwezi kwa Munyonyo ukwaka w’2011. Yari yaciriwe umunyororo wo gufungwa ubuzima bwiwe bwose co kimwe n’abandi bagirizwa icaha kimwe.

Yari yimuwe akurwa mw’ibohero rikuru rya Bubanza ajanwa mu Rumonge. Ubuyobozi bw’iryo bohero buvuga ko bwatanguye kumubura irengero mw’ijoro ryo ku munsi wa gatanu italike 28 uku kwezi.

Naho biri uko, Paul Mirerekano arongoye ibohero rya Rumonge amenyesha ko Innocent Ngendakuriyo atasimvye urugo canke ngo ace mu gitoboro. Ngo yaratorotse naho ingene yavuye mw’ibohero bidasiguritse.

Amakenga ni menshi. Uyo mu nyororo azwi kw’izina rya Nzarabu yari yagirije ibihangange mu batwara igipolisi n’iperereza ko bagize uruhara rukomeye mu kwica abantu 39 mu Gatumba mu kwezi kwa Munyonyo umwaka w’2011.

Ico gihe habaye igitero mu bunywero hanyuma abantu baricwa barashwe. Ngendakuriyo Innocent yavuze ko vyakozwe n’igipolisi n’iperereza kugira gifate umwe mu bantu baronderwa ngo yari yahungiye muri kongo batazira Mukono, uwo nawe nyene yahuvuye yicirwa muri kongo haciye iminsi. Ngendakuriyo yari yadondaguye ari mu rubanza abapolisi yiboneye n’amaso ariko ntibigeze barengutswa mu butungane.

Ishirahamwe riharanira agateka k’abanyororo APRODH ryikeka ko ashobora kuba yakuwe mw’ibobero kugira yicwe kubera ivyo yavuze. Urubanza rwari muri sentare yiyungururizo, ngo abamunyuruje boba bashatse gufuta amakanda y’ubwo bwicanyi.

Ico bikora abapolisi 5 bacungera ibohero rya Rumonge bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza.

kw’ifoto:Ngendakuriyo Innocent barazira Nzarabu


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.