IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ngozi : Grenade yatewe mu bunywero irica abantu

Ngozi : Grenade yatewe mu bunywero irica abantu

lundi 22 Ruheshi 2015

Abantu bataramenyekana bamaze iminsi batera amagrenade mu gisagara ca Bujumbura mu bice bitandukanye, ubu naho batandukiriye zimwe mu ntara zo hagati mu gihugu.

Mu ntara ya Ngozi mw’ihoteri yitwa Équatorial, hakaba hatewe grenade nk’isaha zitatu z’iri joro ryakeye, aho abantu bataramenyekana igitigiri bakomerekejwe n’ico gisasu, mbere bikavugwa ko abagera kuri bane bashobora kuba bitavye Imana. Iyo hoteri isanzwe ifise n’aho abantu bivunira akanyota, ikaba muri quartier ya Muremera, mu gisagara ca Ngozi. Eka no ku murwa mukuru w’intara ya Kirundo, igrenade yatewe kuri uyu w’Imana, aho bita mu Runanira. Ivyo biri uko, mu gihe no mu gisagara ca Bujumbura, iri joro rya keye, amasasu menshi yumvikanye mu bice vya Mugoboka, iri muri quartier ya Mutanga.

Abatera amagrenade rero bakaba bamaze guhahamura abantu baba mu gisagara ca Bujumbura, mu gihe abantu batagihagara umwanya munini mu kibanza kimwe, canke n’aho abandi bakavuga ko batagishaka guca ahantu hakoraniye abantu benshi.


IGIHE

Messages

  • yemwe nimudutohoreze izatewe kirundo gitega nazi kuko mumwanya turahava twunva kuri y’a TV y’igihugu KO ari abasuma nkuko tubimenyereye.

  • Mana we!Tabara uburundi nayo abadutwara bahindutse ibikoko.Ntawusomera basemerera.Nashinguke kwiyo mandat ya 3 amahoro aboneke.Ataruko kiretse ubushobozi bw’Imana abarundi turahonye kuber ba NIJIMBERE(inda).Dusenge tudasiba

  • none abaporisi duhemba duhemba kugirango baducungerere umutekano badufashije iki? nibatange mihoho nimba kabananiye bongere bakoreko amatohoza kuko batera de.bashoboy gutera climogene namabombe munzu zabantu gusa

  • UMUGAMBI WABO TWARAWUMENY BAZITERA BAREKA IGIHUGU KIRABANDANY KANDI TUZORUHIRA KUBAFATA. UWICISHA INKOTA AZOKWICISHWA IYINDI

  • NIMUDUTOHOREZ NEZ ABO BANTU BATERA AYO MAGRENADE.IYO HOTEL YATEWE I NGOZI N’IYANDE?

  • ABO BABIGIRIRA NTAKIBAZO...ARIKO AMATORA AZOBA.COUP ’ETAT YARABANANIYE NONE RABA IVYO BATANGUYE ARIKO BIZOGENDA NEZA.
    NOTERA AKAMO PACIFIQUE NINIHUZWE ABABWIRE ABO BANTU BIWE KO IVYO BINTU BOBIHEBA KUKO NTAZOZA GUTWARA IGIHUGU AKIBAMWO WENYENE.

  • i burundi imyiyerekano yahinduye isura!!!ubu buryo bwo gutera grenade ni ukubabwira ko mutagomba kunywa inzoga,igihugu ngo ntikibone imisoro!!!!ab

  • SHA...IYI MANDA YA3 YA NKUMI NZIZA IZODUSIGAMWO IBIMUGA VYINSHI NKABANYA KAMBODJIA. NONE KO AMERICA,BELGIQUE,UBWONGEREZA BWAGUSAVYE NGO UHEBANE NA MANDA YA3 BAGUSABIRE UMWANYA UKOMEYE MURI (FIFA)ARIKO GA PETERO WE URAKENYEYE UGUME KU BUTEGETSI ABARUNDI DUHONE NONE RABA I NGOZI MURI HOTEL EQUATORIAL,MU KIRUNDO MU RUNANIRA,BUJUMBURA MUTANGA KU MUGOBOKA, VYA BIRWANISHO MUVUGA NGO MUGIYE KUVYAKA ABO MWABIHAYE NONE RABA BATANGUYE KUBIKORESHA BAMAR’ABANTU CANKE NAGASIGNALE MWABAHAYE MUTAMA WIBUKE KO VYOSE BIZOBAZWA WEWE NONE KO MWEMEYE KO MUZOBIKURA MUBANYAGIHUGU?MUZI RERO AHO BIRI?HAMAGARA ABO MWABIHAYE BABIGARURE NK’ IMBONERAKURE IVYO MWABAHAYE NIMUSHOBORA KUZIHAMAGARIRA AHO MWAZIBAHEREYE HAKABA ARIHO MUZIBAKIRA DUHUMURIJE ABABUZE ABABO BISHWE NIZO GRAINADE NAYO MASASE MUKAZE UMUTIMA MURIKUMWE N’IMANA (MURAKOZE)

  • SHA...IYI MANDA YA3 YA NKUMI NZIZA IZODUSIGAMWO IBIMUGA VYINSHI NKABANYA KAMBODJIA. NONE KO AMERICA,BELGIQUE,UBWONGEREZA BWAGUSAVYE NGO UHEBANE NA MANDA YA3 BAGUSABIRE UMWANYA UKOMEYE MURI (FIFA)ARIKO GA PETERO WE URAKENYEYE UGUME KU BUTEGETSI ABARUNDI DUHONE NONE RABA I NGOZI MURI HOTEL EQUATORIAL,MU KIRUNDO MU RUNANIRA,BUJUMBURA MUTANGA KU MUGOBOKA, VYA BIRWANISHO MUVUGA NGO MUGIYE KUVYAKA ABO MWABIHAYE NONE RABA BATANGUYE KUBIKORESHA BAMAR’ABANTU CANKE NAGASIGNALE MWABAHAYE MUTAMA WIBUKE KO VYOSE BIZOBAZWA WEWE NONE KO MWEMEYE KO MUZOBIKURA MUBANYAGIHUGU?MUZI RERO AHO BIRI?HAMAGARA ABO MWABIHAYE BABIGARURE NK’ IMBONERAKURE IVYO MWABAHAYE NIMUSHOBORA KUZIHAMAGARIRA AHO MWAZIBAHEREYE HAKABA ARIHO MUZIBAKIRA DUHUMURIJE ABABUZE ABABO BISHWE NIZO GRAINADE NAYO MASASE MUKAZE UMUTIMA MURIKUMWE N’IMANA (NANJE NKURUNZIZA NAREKE MANDA YA3 NZOMUGURIRA IVYUMA VY’UMUZIKI NABURYA MU BURUNDI NTITUGIRA UMURIRIMVYI AZI KURIRIMBA GOSPEL NEZA NK’BANYAMURENGE)(MURAKOZE)

  • Iyo siyo nzira izodushikana ku mahoro kuko ntawuronka amahoro ari ukwo abanje kuyabuza abandi

  • Ewe pacifik ayo maraso yabarundi azoguhumira!bienvenu dans le monde des criminels!!!!!!!!!

  • Ewe pacifik ayo maraso yabarundi azoguhumira!bienvenu dans le monde des criminels!!!!!!!!!

  • Ivyontibitangaje,arikogusabamenyeko Umuti Atariguterabenewab’amagrenade,nibisubireko Biyunvire Igikenewe!Kandi Iyisi Irababonanibitonde.

  • Sha nibita uvuze nabi ariko ruriyandi rutakwibagiye kandi abobatera amagrenade bamenyeko batazomara abarundi

  • Ahaa Ingozi Naho!Abafis Ibirwanisho Barazwiko Na Onu N,imbonerakure Nizo Zitera Ama Grenades.Ariko Tuzopfa Hagz Kandi Integuro Y,imana Ntisiba Kubera Inguvu Z,abantu.

  • Abo turabazi na ba dd bashaka kuvyegeka kuri oppositions ariko barahumba ivyabo biromenyekana.

  • Abo turabazi na ba dd bashaka kuvyegeka kuri oppositions ariko barahumba ivyabo biromenyekana.

  • Abo turabazi na ba dd bashaka kuvyegeka kuri oppositions ariko barahumba ivyabo biromenyekana.

  • Mu gipolisi bavuga yuko amahoro ajejeta kandi yuko hafashwe ingigo z’umutekano zafashwe ari sawa none burya i ngozi no mu kirundo ntiharimwo?abo bapfuye nuko amahoro ajejeta?twishure Pierre?

  • Abobakora ivyo nibaba ari aba Shabbab bizomenyekana nibaba aribabarundi banka urunuka kwumva icitwa amatora nabonyene as soon as possible baramengejana I think bitatenze in bout ukwezi.

  • Ibitey Ubwoba Birahar ,ariko Umusi Waw Wogutabarw Urahari,humura!

  • Ibitey Ubwoba Birahar ,ariko Umusi Waw Wogutabarw Urahari,humura!

  • Bakristo Mukora Iki?Tora Bibiriya Tuje Ku Mavi Dusenge.Mwibuke Ko Vyahanuwe( matayo24)ariko Ntiduhagarike Imitima Kuko Bitazobura Gushika Gusa Tegura Imitima.

  • Abo bakora ivyo nabasazi bashaka yuko amatora ataba abo niba pacifique babandi binyegez unyuma ya politik

  • Emwe Abarundi Twihangane Ntamvura Idahita President Azotubisa !!

  • Ubuzma nikathabwa.ababkora bos nabcanyi,arko ntibashragati murynyo ngo nabhinga kko ivyobgirira abndi nabo nuknyen.kumen’amaraso y’inzirkarengan!barndi reka kumarna iyo politique siyo yok8ca?

  • Hahahaha ibintu bigiye kurenga urugero. Nkurunziza ni yegure

  • mpor mwebw mwabuz imiryango nincuti....

  • AHUBWO BIRATEYE UBWOBA CANE.ICONSABA ABARUNDI DUPFUKAME IMBERE YUWATUREMYE AKADUSHIRA MWIKIGIHUGU TWIGAYE KUBWICANYI BURIKOBURAKORWA MUBURUNDI HAGAPFA IBIREMWA VYIMANA TWONGERE DUSENGE IMANA TUYISABA IRAMVURE IKIGANZA KUBURUNDI NABARUNDI AMAHORO ASUBIRE AGARUKE ABARUNDI TWISHIRE TWIZANE.ATARICO GIKOZWE IMANA IZOTIKIZA GITURUMBUKA UWOWESE AZIMANGANYA UBWOBUZIMA BWUWO ATAREMYE.MANA TUGIRIRE IKIGOWE AMAHORO ADUSAGE MUBURUNDI BWACU NOMUMITIMA YABARUNDI BOSE..AMEN

  • ariko mwabarundi benewacu muremeye isiyose idutwenge turondera nabaduhuza bohanze umenga turiko umuvumo jewe ndakiyemeje ngondabahuze tureke gupfusa

  • Muraraba neza ntibatubuze kwitorera abarongozi dushaka. ntidushaka gusubira mungorane twarahaze intambara.

  • ingwe igutwara igitungwa ikagutanga kuraka abarundi barabizi. (izo mbwebwe zinaniwe nimyiyerekano, none zigiye gutera za grenad? )barahumba bazohinyuka. babonye kwabiwabo bahereye murwanda none batanguye kwica abasigaye? mwihangane tuzobatsinda tutaburanye ivyobikoza turabibona iyo baba abandi bahagarika bahinyutse.babesha ngw’imbonerakure zifise ibigwanisho, nn nizo zitera grenade mubapolice, mahandi?nimwibaze namwe.

  • nukuri abobantu bashaka kutwangaza ahubgo ntibabe bagisubira kuko uwofatw yohanwa namategeko.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.