IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ngozi : Igipolisi catanguye ibikorwa vyo gukingira isoko nkuru

Ngozi : Igipolisi catanguye ibikorwa vyo gukingira isoko nkuru

samedi 9 Ruhuhuma 2013

Kuri yu wa gatandatu igenekerezo rya 9 Ruhuhuma umwaka w’2013, igipolisi cazindukiye mubikorwa vyo kubomora utuzu twubatse mu mabarabara yinjira mw’isoko hagati, ivyo rero bikaba vyakozwe mu ntumbero yo gukingira isoko.

Nk’uko amakuru dukesha umumenyeshamakuru akorera RPA mu ntara ya Ngozi abivuga, ngo ivyo bikorwa vyo gusambura utwo tuzu vyakozwe kugirango amabarabara yinjira mwisoko agumane ubwaguke bukwiye za kizimyamuriro zishobora gucamwo.

Ivyo rero bizofasha gutabara vyoroshe kuko ibiduga binini binini ndetse n’ibindi bikoresho vyo gukinga impanuka canke vyo gutabara bizoshobora gushika hagati mw’isoko mugihe bizoba bikenewe.


Marie Claire Ingabire

Portfolio

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.