Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ni irihe bara umukobwa akundwa cane yambaye
 Ni irihe bara umukobwa akundwa cane yambaye
 Ni irihe bara umukobwa akundwa cane yambaye
				
				jeudi 6 Ruheshi 2013
Nk’uko abatari bake babivuga, abigeme bakunda kwambara impuzu zitukura, bakora mu bibanza vy’ubutambiro, ivy’ugufunguriramwo n’ivy’ukwivuna akanyota,barakundwa cane n’abagabo baza muri ivyo bibanza, ndetse barakundwa n’ugusugirwa akanoti nk’ikimenyetso c’uko babakunzwe.
Abigeme bariko bararondera uwo bokwubakana, canke uwobakunda, basabwa kwambara kenshi agahuzu gafise iryo bara ritukura. Mukambaye iminsi myinshi, ,muzoheza mwirabire ingene mureshwa n’isinzi ry’abasore. Icirwa cagizwe n’abashakashatsi batandukanye bo muri za kaminuza za Buraya, baremeza ko iyo umwigeme yambaye agahuzu gatukura canke kakambara umugore, abagabo bashwarwa rwose n’akariro k’urukundo, bakumva barakunze uyo mugore canke umwigeme bivanye n’iryo bara.
Ndetse mu mazu atandukanye y’ubutambiro canke y’ukwivuna umusase, bakunze gusoneshereza impuzu abakozi zitukura, aho ni mubihugu bimaze gutera imbere, ndetse no mu Burundi, hariho hamwe hamwe usanga abigeme bambara udupira dutukura, kandi ngo barakundwa cane ugereranije n’uwuba yambaye agapira kirabura, agasa n’umuhondo, agasa n’urwatsi rutoto,…
Ikinyamakuru “Journal of Hospitality and Tourism” kivuga ko ibara ritukura rikabura urukundo, rikaba rero rizana akarusho. Ariko rero mu 2008 niho icigwa catunganijwe na kaminuza yitiriwe Rochester y’i New York muri Reta zunzubumwe z’Amerika cerekanye ubwa mbere ko ibara ritukura rituma abagabo bakunda abakenyezi gusumba.
Ngo ubu naho icigwa catunganijwe n’abahinga b’abanyamerika bafatanije n’abanyaostrariya giherutse kugaragaza ko iyo abakenyezi bambaye impuzu z’ibara ritukura zibaha imforo y’abarondera kwifuzwa n’abagabo.
Aristide Nizigire
