Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Niger : Abasoda batewe ubwa mbere na Boko Haram
 Niger : Abasoda batewe ubwa mbere na Boko Haram
 Niger : Abasoda batewe ubwa mbere na Boko Haram
				
				jeudi 30 Ndamukiza 2015
Mu gitero Boko Haram yagavye ku kirindiro c’igisoda ca Niger kiri ku kiyaga Tchad hapfuye abantu mirongo ibiri n’umunani hamwe n’abasoda 46.
Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 25 Ndamukiza uwu mwaka mu gatondo ka kare, Boko haram yagize igitero sindamusiga. Uwo muhari usanzwe witwaza iterabwoba w’aba jihadiste baje n’amapikipiki abandi n’amaguru nk’uko amakuru ava ngaho nyene avyemeza, imigwano ica iratangura. Abo barwanyi basnzwe bagisibije muri ivyo bihugu vya Nigeria, Niger, Tchad na Cameroun, bakaba bamaze gutuma abantu benshi baunga, abandi bakicwa bunyamaswa.
Ku murango, igisoda ca Niger caciye gita ico kirindiro mu maboko y’abarwanyi ba Boko Haram, na cane cane ko cari igitero ca mbere, abarwanyi ba Boko Haram bagize ku ngabo za Niger.
Bill Nkurunziza

Messages
30 Ndamukiza 2015, 15:58, par Ston
Bakze Nabi