Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Abajejwe umutekano ntibaramenya abasubiriye gutera ku (...)
 Nigeria : Abajejwe umutekano ntibaramenya abasubiriye gutera ku mashure
 Nigeria : Abajejwe umutekano ntibaramenya abasubiriye gutera ku mashure
				
				vendredi 16 Rusama 2014
Abantu bitwaje ibirwanisho baturiye amashure abiri mu buraruko bw’igihugu ca Nigeria, akarere kabangamiwe n’abarwanyi ba Boko Haram, umurwi w’iterabwoba waheruka gutera ku mashure yo muri ako karere, wongera ugira imbohe abana b’abakobwa baharurwa mu majana abiri.
Amakuru atangwa n’umuvugizi w’igiporisi ca Nigeria amenyesha ko abantu baharurwa muri cumi bariko biyunguruza mu miduga n’amapikipiki, bitwaje ibirwanisho, barateye mu birwati vya Shadarki hamwe na Yelwan Darazo, baturira amashure abiri, rimwe rimwe muri ivyo birwati vyompi.
Imana yarakinze nta muntu n’umwe yaguye muri ico gitero kubera cahuriranye n’amasaha yo ku mugoroba, abanyeshure bamaze gutaha.
Abo bagizi ba nabi ntibaramenyekana, abajejwe umutekano nabo bakaba badashobora kuvuga ko yoba ari umurwi wa Boko Haram, kuko atawe bashoboye gufata. N’aho ababikoze bataramenyekana, ako karere gasigaye gafatwa nk’ikirimbiro ry’abarwanyi ba Boko Haram, mukibuka abanyeshure barenga 200 baheruka kugirwa imbohe bakuwe muri ako karere, n’ubu bakaba bataratorwa irengero.
Egide Nduwimana

Messages
19 Rusama 2014, 12:52, par niyotheodore@yahoo.fr
ESE bobo barabona ko bazotsinda eka pe bazoherayo nibarabe bumvikane na lete niwo muti ushoboka