IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Abanyeshure 77 nibo bakiri mu minwe y’abarwanyi ba Boko (...)

Nigeria : Abanyeshure 77 nibo bakiri mu minwe y’abarwanyi ba Boko Haram

mardi 22 Ndamukiza 2014

Muri banyeshure baheruka kunyuruzwa n’abarwanyi ba Boko Haram, abashika 77 nibo bakiri mu minwe yabo, abandi barashoboye kubaca mu ryahumye barahunga.

Inyuma y’indwi imwe gusa abarwanyi ba Boko Haram banyuruje abanyeshure batari bake bagera ku 129, igisirikare c’igihugu hamwe n’urwaruka rushigikiye Reta (les milices pro gouvernementales) bagumye bakurikira izo ntagondwa z’aba islamu.
Naho bamwe muri abo banyeshure bashoboye kwikura nu vyara vy’abo bangushi bagatoroka, abagera ku 77 muri abo bigeme boba bakiri mu minwe y’abarwanyi ba Abubakar Shekau.

Mwomenya ko ibitigiri vy’abari banyurujwe bidahurizwako hagati ya Reta hamwe n’ubuyobozi bw’ishure abo banyeshure bahora bigako. Reta y’aho i Borno ivuga ko ibitigiri vy’abari banyurujwe ari 129, mu gihe umuyobozi w’iryo shure we avuga ko abanyurujwe bose hamwe bagera ku 187.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.