IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria: Ban Ki-Moon yagiye kwibuka abaguye mu gitero ku nyubakwa za (...)

Nigeria: Ban Ki-Moon yagiye kwibuka abaguye mu gitero ku nyubakwa za ONU

lundi 24 Myandagaro 2015

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban Ki-Moon yagendeye igihugu ca Nijeriya mu birori vyo kwibuka abaguye mu gitero cabereye ku biro vya ONU i Abuja mu myaka ine iheze.

Ico gitero cakozwe n’umurwi w’intagondwa z’abaislamu ukorera mu gihugu ca Nijeriya Boko Haram.

Ban Ki-Moon azobonana kandi n’umukuru w’igihugu ca Nijeriya Muhammadu Buhari kugira baganire uko borwanya ibikorwa vy’iterabwoba.

Azobonana kandi n’umurwi ukora imyiyerekano yo gusaba irekurwa ry’abanyeshuri b’abakobwa barenga 200 banyurujwe n’umurwi Boko Haram mu mwaka uheze.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.