Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria: Boko Haram iramutswa indongozi nshasha
 Nigeria: Boko Haram iramutswa indongozi nshasha
 Nigeria: Boko Haram iramutswa indongozi nshasha
				
				mercredi 12 Myandagaro 2015
Umukuru w’igihugu ca Tchad, Idriss Deby, avuga ko umuhari w’abarwanyi baba islamu wa Boko Haram mu gihugu ca Nijeriya ufise umurongozi mushasha.
Naho yabimenyesheje,umukuru w’igihugu ca Tchad ntiyavuze icoba cabaye kuri Abubakar Shekau, ariko yavuze ko yasubiriwe na Mahamat Daoud. Shekau ntiyagiye ahabona ku masanamu y’uwo muhari aheruka kuboneka, vyatumye havugwa ko yoba yarishwe.
Idriss Deby, afise abasoda bari mu ntambara irwanya Boko Haram, yavuze ko Mahamat Daoud yemera kugira ibiganiro na Reta ya Nijeriya.
Nahi bimeze ukwo, ibiganiro ntivyigeze biba kandi vyabonwe muri rusangi nk’ibidafise ishingiro.
IGIHE

Messages
16 Myandagaro 2015, 23:35
IZO NDONGOZI NIZA HE