Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeriya: Chinua Achebe yitavye Imana
 Nigeriya: Chinua Achebe yitavye Imana
 Nigeriya: Chinua Achebe yitavye Imana
				
				vendredi 22 Ntwarante 2013
Abategetsi ba Nigeriya bamenyesha ko umwanditsi rurangiranwa w’ibitabo, Chinua Achebe, yitavye Imana.
Umuvugizi wa Leta ya Anambra, yabwiye BBC ko bari mu kigandaro ca Chinua Achebe, intwari ya Nigeriya na Afrika.
Chinua Achebe yavutse muri 1930, yarafise icubahiro co kwitwa umuvyeyi w’ubwanditsi bw’ibitabo mu congereza muri Afurika.
Igitabo ciwe camenyekanye cane ni "Things Fall Apart" aho yerekana ingaruka z’ubukoloni muri Afrika.
Mu mwaka w’1970, yabaye umwarimu muri kaminuza yo muri Leta ya Boston, muri Leta zunze ubumwe z’Amerika.
Mu myaka ya nyuma y’ubuzima bwiwe Chinua Achebe, yakunda kunegura Leta ya Nigeria .
Joel Sengurebe
