Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeriya yafashe ingingo yo gutuza imirwi irwana
 Nigeriya yafashe ingingo yo gutuza imirwi irwana
 Nigeriya yafashe ingingo yo gutuza imirwi irwana
				
				jeudi 16 Rusama 2013
Leta ya Nigeria yarungitse abasirikare benshi n’ibikoresho kurwanya intagondwa z’abayisilamu mu burengero bw’ico gihugu.
Leta ivuga ko ico gikorwa kigamije kurushirizaho kubungabunga umutekano no kurinda ubwigenge bw’igihugu.
Ku wa kabiri, umukuru w’igihugu ca wa Nigeriya, Goodluck Jonathan, yashizeho amategeko adasanzwe y’umukwabu muri Leta ya Borno, Yobe na Adamawa, inyuma y’ibitero vyahitanye abantu batewe n’abarwanyi bo mu murwi wa Boko Haram.
Haheze imyaka itatu uyu mutwe ugenzura tumwe mu duce two mu maja ruguru ya Nigeria kandi muri rusangi ubwicanyi bwiharije cane ako karere.
Abantu bagera ku 2000 bamaze gupfa kuva mu mwaka w’2010 baguye mu bitero bivugwa ko vyakozwe n’umurwi wa Boko Haram.
Egide Nduwimana
