IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > "Nta mishamirano iriko ibera i Kiliba Ondes hagati y’abasirikare b’Uburundi (...)

"Nta mishamirano iriko ibera i Kiliba Ondes hagati y’abasirikare b’Uburundi na FNL!’’

mardi 24 Ruheshi 2014

Imiryango y’abanyagihugu bagera kuri 500 baramaze guhunga akarere ka Kiliba Onds inyuma yaho habereye imirwano hagati y’abasirikare b’Uburundi n’abarwanyi bo mu muhari wa FNL nk’uko vyashikirijwe n’iradiyo OKAPI.

Mu mirwano bivugwa ko yabereye kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 22 Ruheshi mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, abanyagihugu bakaba baciye bayanyaga, berekeza mu turere twa Kimuka, Butendeko na Kajoro, ku mupaka w’Uburundi na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo. Abo barwanyi ba FNL boba bararashwe hakoreshejwe ibirwanisho bikomeye kuva nk’igihe c’isaha 11 z’umuhingamo kugeza isaha zitatu z’ijoro nk’uko Radiyo OKAPI ikorera muri ico gihugu yabimenyesheje, ndetse abarwanyi babiri b’uyo muhari wa FNL bakaba baritavye Imana, mu gihe abasirikare b’Uburundi 9 nabo boba aribo bitavye Imana n’abandi bakomeretse nk’uko iyo radiyo ibandanya ibivuga, muri iyo mirwano yahuje izo mpande zibiri

Mu gisirikare c’Uburundi barabeshuza ayo makuru. Mu kiganiro c’abavugizi cabereye mu ntara ya Kirundo kuri uwu wa kabiri, Gaspard Baratuza avugira igisirikare c’Uburundi yamenyesheje ko ata musirikare n’umwe w’umurundi ari mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, ko ahubwo bari ku mbibe z’ivyo bihugu vyose uko ari bibiri. Colonel Baratuza amenyesha ko ibihugu abasirikare b’abarundi barimwo bizwi. Aha agatanga akarorero k’abari muri Somaliya na Centrafrika.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ivyo turabizi na Leta ya congo yarabihakanye ko ata basoda bacu bari ku butaka bwabo ngira babitiranije na M23

  • Eka!! Nibaratuza...mbe! ari umuvugizi wa gisirikare ntakundi yovuga turabimenyereye no kuntwaro zarenganye zaba Buyoya niyo vugo bakoresha. Ico yemenya uyo Baratuza nuko abarundi baciye ubwenge. Radio Okapi, turazi kwitobesha kandi ataco ipfa na leta ya Nkurunziza. Abarundi twese turazi yuko muri Congo hariyo abasoda b’uburundi. Mugabo DD bibagirwa ningoga aho baribagiye iyo bavuye!!? Mu kurwana aba FNL?? Babikora nkababizi nkuko Buyoya na Gaciyeubwenke bigeze kubatuza mu mvyaka yahera. FNL komera kurugamba kuko abo bose murazinanye kubuhinga bwintambara. Gusa abarundi turanyotewe umutware mwiza atwarira abarundi bose, atanyagupfa na nyagukira.

  • Radio Okapi ni Nyoko? Niyo ijejwe umutekano muri Congo? Hama mu kuvuga uzoze uravuga ata jewe Gahimbara apana kuvuga ngo twebwe Abarundi bose!! Wewe urinde ku buryo wovugira abarundi bose eh!

  • Hahaha. Dondogori nakomeze kwiyitirira ibikorwa batakoze. Inyuma y’amatora twe benevyo tuzobereka Yuko ibinyoma vyabo BA DD na Nzabampema aho bigarukira. Urya muhungu arabamarira muri Congo. Ari Leta y’Uburundi na Nzabampema tuzobashengeza. Ivyacu birashigikiwe nabenevyo. Komera k’umuheto bene data turi kumwe. Tugiye kubashikiriza amazina n’amapeta yabasoda buburundi twiciye kuruhamba nabo tugize imbohe hama imiryango yabo ibaze uyo Baratuza iyo ababo bari. Viva Palipehutu- FNL. Abacinyijwe Bose twobasaba kutava kwisezerano. Mu misi mike tugiye kubashikiriza ukuntu ibikorwa vyiza vya Palipehutu-FNL biriko biragenda

  • Erega armée burundaise ni nationale si dd ariko bibagira vuba mwibagiye ko mucanze n’abandi ? Bandanya gusa muzovyumva mutangaye musanze ca gisoda kibahinduriye

  • Nonega Gihimbere, iyo radio usanze itabeshe ucueonka inyungunyabaki konumvamengo nigihombo kuriwewe nyakwubahwa Bararuza abihakanye?

  • NONE NIMBA BATARIYO NI AMAHORO NTA BARUNDI BARIKO BARAPFA ....KANDI ABAJA YO BOOSE BAMENYE KO BAPFUYE BAZOBA BAGIYE ABANDI BASIGARE BARARYA///!!ARIKO BAREKE HAGENDE UWUSHAKA NTIBIBE ITEGEKO RY IGISODA,,,

  • NONE NIMBA BATARIYO NI AMAHORO NTA BARUNDI BARIKO BARAPFA ....KANDI ABAJA YO BOOSE BAMENYE KO BAPFUYE BAZOBA BAGIYE ABANDI BASIGARE BARARYA///!!ARIKO BAREKE HAGENDE UWUSHAKA NTIBIBE ITEGEKO RY IGISODA,,,

  • jewe ico mbona nuko abo ba FNL biyita ngo bazi kugwana arib wosanga baguy mu mutego mbe abo ba DD bama bavuga ngo bariko barategura intambara jewe mbona abo banya migambwe baza baratera ibihuha mbona ko bo bireka bakaza barareka urunwa runwa bakitoza batarinze kwambura agahuzu bagenzibe mbe ko mudashima iyi leta ya nkurunziza muzoshima iyihe?turacakura tuzoba turaba ibizokurikira Imana Ikidutije imisi yo kubaho nta ntambara izosubira mu gihugu c’uburundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.