IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Nyakabiga : Umuryango urondeza umwana wabo yatakaye

Nyakabiga : Umuryango urondeza umwana wabo yatakaye

vendredi 11 Mukakaro 2014

Hari umuryango uba muri komine Nyakabiga mu gisagara ca Bujumbura , umenyesha ko watakaje umwana wabo kuri uno wa kane igenekerezo rya 1O Mukakaro, ugasaba uwoba yaramutoye kumubashikiriza.

Nk’uko bimenyeshwa na nyina w’uwo mwana Sinigirira Méelanie, uwo mwana yatakaye yitwa Niyokwizera Samuel, asanzwe aba muri komine Nyakabiga hano mu gisagara ca Bujumbura. Uwo mwana afise imyaka 6, ni muremure, akaba yagiye yambaye agakabutura gasa n’impuzu z’igisoda, zimwe bita tache tache bari bamumoye umushatsi wose, amenyo y’imbere yarahongotse, yagiye yambaye na yebo yebo zisa n’ubururu.

Nyina wiwe yitwa Sinigirira Mélanie se nawe yitwa Bintunimana Matthieu. Aba mu Nyakabiga ya mbere ibarabara rya 14 inimero 11. Uwo mwana yahora yiga kw’ishure Ecole saint François de Salles mu Nyakabiga nyene, impande y’ishengero Guérison des ames . Uwo mwana Samuel yatakaye ku munsi w’ejo igihe c’isaha 4 z’umurango yagiye ajanye n’abandi bana bagiye gukina ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, abandi bana baratashe bamusigayo.

Nyina w’uwo mwana asaba ko uwo mutora yokwakura kuri nimero 71105806 za nyina ,canke ku za se 79949339 ,canke naho akamushikiriza kuri zone ya Nyakabiga canke bagahamagara murumuna wa nyina yitwa Chantal kuri 79788427. Canke naho akamusiga kuri alimentation Idéal.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.