Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Nyogokuru yatwengeje abantu
 Nyogokuru yatwengeje abantu
 Nyogokuru yatwengeje abantu
				
				mardi 8 Nzero 2013
Muvyiza bibaho, no gukunda gusoma amakuru atandukanye birafasha kuko uhamenyera vyinshi mu buzima bwa minsi yose , iyo usomye ugasanga mu makuru harimwo n’udukuru dutwengeje birafasha kuko biraruhura kandi bikwongerereza kuramba, nawe soma iyi wumve ukuntu uyu mukecuru yitwa suzana yatwengeje abantu.
Umuduga wariko urava hagati mu gisagara ca Bujumbura uja mu Ngagara, ugeze aho abantu batangurira kuvamwo, batangura kubwira komvwayeri aho baviramwo umwe ati : «permanence ndavamwo.»Uwundi mukanya ati:«foyer ndavamwo.»Uwundi imbere gato ati: «Eglise ndavamwo.»Uwundi ati:« station ndavamwo»
Nuko umukecuru aho yicaye aguma yumviriza neza uko abantu babandanya bavuga kandi abona bavamwo mu muduga. Hasigayemwo bakeyi, aca atangura kwibaza ko aza gusigara mu muduga wenyene.Nikwo kubarira komvwayeri ati:” Ba permanence bavuyemwo, ba foyer bavuyemwo, ba eglise bavuyemwo, ba station nabo bavuyemwo.
Niko kubarira komvwayeri ati:« komvwaye suzana nanje ndavamwo». Komvwayeri ati:« Igituro c’amabisi citwa Suzana kiri hehe ga nyoku ?»Uwo mutamakazi ati:« None ko ba permanence na ba foyer bavuyemwo nkaba mbona ari jewe nsigaye mu muduga jenyene?» Komvwayeri ati:« oya nyoku, ariya ni amazina y’ibibanza abantu baviramwo si amazina y’abantu.Nawe niwashika aho uviramwo mu muduga urambarira ngusige .
Nuko umutamakazi ati:« Ngiye nabitahura mwananje!!! urakoze kunsobanurira. Nari nagize ngo ayo ni amazina y’abantu. ubwo abari mu muduga bumva ico kiganiro ca nyokuru na komvwayeri intwengo yari yabishe!!!!!!!.
Joel Sengurebe

Messages
27 Mukakaro 2018, 17:01, par NDIKUMANA MICHEL
EGO PE GUSOMA NISAWA KANDI URAHAMENYERA VYINSHI