Accueil > Amakuru > u Burundi > OLUCOME isaba ko ibiganiro vyokwitabwa n’abegwa n’ikibazo c’Uburundi (...)
OLUCOME isaba ko ibiganiro vyokwitabwa n’abegwa n’ikibazo c’Uburundi vy’ukuri
mercredi 30 Nyakanga 2015
Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Reta OLUCOME risaba ko ibiganiro vyokwitabwa n’abegwa n’ikibazo c’Uburundi vy’ukuri.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 30 Nyakanga 2015,Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME yavuze ko ibiganiro biriko biratunganywa vyohuza abafitaniye amatati kugira haboneke umuti.
Muri ico kiganiro,Gabriel Rufyiri yavuze ko ukutumvikana mu Burundi kuzohera mu gihe abazoza gutwara igihugu bazoshira imbere inyungu z’igihugu n’abanyagihugu,inyungu zabo bakazigiza hirya.
Gabriel Rufyiri amenyesha ko abafitaniye amatati ari Reta n’abatavuga rumwe nayo,ari nabo ibiganiro bigiye gutunganywa vyohuza kugira haboneke umuti w’ibibazo vya politike biri mu Burundi.
Van Naris Mugisha
Messages
30 Nyakanga 2015, 16:02, par Fabien
Ibiganiro Birakenewe Kuko Turarushe Ariko Bikajamwo Numuhuza Bunvikanyeko
30 Nyakanga 2015, 19:25, par karusi
none wabonye hehe umuyobozi ubanza inyungu z’abanyagihugu imbere,bose babanza inyungu zabo. niba ari uwo utegereje arabe ujya gutura kuri maris hano kwisi ntawe uzoronka,noneho mw’africa heba!
30 Nyakanga 2015, 20:53, par François
Ha!Mutama biragoye ivyo mu burundi. Kuko umu president wacu,n-intumva!
30 Nyakanga 2015, 22:53, par Inzamba.com
Ibiganiro ningombwa hagati ya cnld na leta. nayo kuvuga ngo abanyagihugu. uko nukwitoza utunyoni.
1er Gitugutu 2015, 10:36, par NIHOREHO
EGO IBIGANIRO BIRAKENEW ARIKO AKOKARWI KIYITA NGO CNARD KIBINYWAMARASO TURASAVYE KO,KATOBAKARIMWO!!
1er Gitugutu 2015, 12:04, par Falcon
Ntabiganiro bikenewe ahubwo Nkurumbi nukumumena urwo rutwe rwiwe kuko nubundi yaraciriwe urwo gupfa.
2 Gitugutu 2015, 08:47, par MUKAMANGWE
EGO URABITOYE AHUBWO SHIRAMWO INGUVU MUKUBANDANYA MURUSHIRIZAHO KUBIBUTSA BIDATEVYE
7 Gitugutu 2015, 10:40, par Philippe
Nibaba hende museruke ngo muraganira munyemana babahumbe babice mushire muganira nande? Imfungwa batanguye kuzivangura.