IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OLUCOME isaba ko ibiganiro vyokwitabwa n’abegwa n’ikibazo c’Uburundi (...)

OLUCOME isaba ko ibiganiro vyokwitabwa n’abegwa n’ikibazo c’Uburundi vy’ukuri

mercredi 30 Nyakanga 2015

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Reta OLUCOME risaba ko ibiganiro vyokwitabwa n’abegwa n’ikibazo c’Uburundi vy’ukuri.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 30 Nyakanga 2015,Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME yavuze ko ibiganiro biriko biratunganywa vyohuza abafitaniye amatati kugira haboneke umuti.

Muri ico kiganiro,Gabriel Rufyiri yavuze ko ukutumvikana mu Burundi kuzohera mu gihe abazoza gutwara igihugu bazoshira imbere inyungu z’igihugu n’abanyagihugu,inyungu zabo bakazigiza hirya.

Gabriel Rufyiri amenyesha ko abafitaniye amatati ari Reta n’abatavuga rumwe nayo,ari nabo ibiganiro bigiye gutunganywa vyohuza kugira haboneke umuti w’ibibazo vya politike biri mu Burundi.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.