IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OLUCOME yasavye Museveni kwihutira gutanguza ibiganiro

OLUCOME yasavye Museveni kwihutira gutanguza ibiganiro

mercredi 25 Munyonyo 2015, par egide

Ishirahamwe OLUCOME ryandikiye umukuru w’igihugu ca Ouganda, akaba n’umuhuza mu bibazo vy’abarundi, bamusaba ko yotanguza vuba ibiganiro mu ntumbero y’ugukungira abanyagihugu babandanya kugandagurwa.

Mu rwandiko ishirahamwe OLUCOME ryarungikiwe Yoweli Kaguta Museveni, Gabriel RUFYIRI yamenyesheje ko yizeye ko inyishu y’ibibazo biri mu Burundi izotorerwa ku meza y’ibiganiro, agasaba ko vyotanguzwa vuba kugira amahoro n’umutekano bisubire kuboneka mu Burundi. Iryo shirahamwe risaba impande zitavuga rumwe, Reta hamwe n’abatavuga rumwe na Reta bahurikiye mu runani CNARED ko boganira bavugana ukuri, kuko inzira y’ibirwanisho itazana amahoro abarundi bakeneye.

Muri iryo kete ryarungikiwe n’abandi bakuru b’igihugu bose ba Afrika y’ubuseruko hamwe n’umukuru w’iguhugu ca Afrika y’epfo, ishirahamwe OLUCOME ryasavye umuhuza Kaguta Yoweli Museveni ko yosigurira Reta ikabona ko ibibazo bihari, ntihagume havugwa ko amahoro n’umutekano bisasagaye, kandi abantu badasiba kugandagurwa.

JPEG - 77.4 ko
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Kaguta Yoweri Museveni yasabwe kandi kugondoza ubutegetsi bw’i Bujumbura buganire n’abo batavuga rumwe vy’ukuri, harimwo na CNARED, hamwe n’abandi bose batavuga rumwe n’ubutegetsi. Gabriel RUFYIRI amenyesha ko gusohora imitahe y’uguhagarika abatavuga rumwe n’ubutegetsi, abamenyeshamakuru hamwe n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, atariyo nzira y’ugutorera umuti ibibazo bihari, Reta igasabwa kubihagarika, amaradiyo akugururwa, n’amashirahamwe yugawe agasubira guhabwa uburenganzira bw’ugukora.

Ishirahamwe OLUCOME risanga ibiganiro arivyo vyonyene vyotuma ugushamirana hagati y’impande zitavuga rumwe guhagarara, amahoro akagaruka, n’ubutunzi bugasubira kwisununura muri iki gihe abarundi bakenye, amafaranga akaba asigaye aja mu mifuko y’abantu bamwe bamwe batunze kurusha na Reta.


IGIHE

Messages

  • Museven ntamwanya yifitiye,ariko ariyamamaza!!abantu turacahonye ntakundi, rupfiri wakoze kumwibutsa mutama

  • WAGERAGEJE KUVUGA MUGARAMAKURU ATEYAMAKENGAKUWEWE RUFYIRI !? NKURUNZIZA YANKAKUREKURA KUNEZA AZOREKURANABI

  • Nimukomer Mutama!Mwe Mushka Ko Uburundi Buva Mu Miryano!Nayo Abo Bagumyabondo Umusi Intahe Yafashe Ijamba Bazokwicuza!Natwe Ka Banyahgu Biratubabza Benewacu Baguma Bapfa!Mana Ize Ikorere Mu Mpande Zose Kugra Haboneke Amahro.

  • Nimukomer Mutama!Mwe Mushka Ko Uburundi Buva Mu Miryano!Nayo Abo Bagumyabondo Umusi Intahe Yafashe Ijamba Bazokwicuza!Natwe Ka Banyahgu Biratubabza Benewacu Baguma Bapfa!Mana Ize Ikorere Mu Mpande Zose Kugra Haboneke Amahro.

  • ivyamajambo n’amatangazo birakwiye guhera hagashirwa mungiro ibisabwa kumpande zose.

  • Ewe, wavuga ariko ntuvura . Ibiganiro gusa nivyo kayamare k’amajambo nayo ivyo vyose ntaco bizomarira Uburundi n’abarundi. Nyabuna komeza gusaba umuhuza adutabare atanguze uwo muti uvugutigwe mubonse rimwe bareke gushihana.Abo bana bariko baricwa n’ababavyaye bihekura ngo bariko bararyimara bihagarikwe vuba. Uwo siwo muti ahubwo biteye isoni.

  • NTUBESHA ARIKO NGO WEWE URASHIGIKIYE RETA MUGABO IZOKWANGAZA NKA RUKARA.MBE KUTAVUZE URUPFU RWA PETIT FRERE WA BUNYONI GENERAL DE BRIGADE RODRIGUE BUNYONE MBE WIBAZA KO UKUNZWE NKUKO BAMUKUNDA?APFUYE ARIHE?ARAGABA DD NABANWAMARASO

  • La seule voie de retablir la securite dans le pays c’est le dialogue inter_burundais. Nous vous souhaitons le succes de ce dialogue.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.