IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ombudsman yaragendeye igihugu ca Misiri

Ombudsman yaragendeye igihugu ca Misiri

lundi 11 Ruhuhuma 2013

Umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara yaragendeye igihugu ca Misiri atwaye ubutumwa yarungikanywe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Mohamed Rukara yarabobanye n’umukuru w’igihugu ca Misiri Mohamed Morsi aca amushikiriza ubutumwa yarungikanywe na mugenzi we, umukuru w’igihugu c’u Burundi Petero Nkurunziza.

Yarongeye abonana n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu Mohamed Kamel ARM aca amwemerera ko azorungika abahinga kugira baze kugenzura ibikenewe gufashwa inyuma y’aho isoko nkuru ya Bujumbura ihiriye n’ingaruka mbi vyateye.

Azoba ari n’akaryo ko kuraba ingene infashanyo ziva mu Misiri zikoreshwa m’u Burundi.

Umuhuza w’abarundi yarongeye yakirwa n’umukuru w’igihugu ca Turkiya Abdallah Gaul.

Tubamenyeshe ko mu mibonano yose yagiranye n’abategetsi batandukanye, Mohamed Rukara yaba ari kumwe n’umushikiranganji w’ikigega ca Reta Tabu Abdallah Manirakiza hamwe n’uwuserukira u Burundi muri Misiri Selemani Mossi.


Grace Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.