Accueil > Amakuru > Muri Afrika > ONU: Ingwano irarekuwe hagati y’abasirikare bari muri Congo
 ONU: Ingwano irarekuwe hagati y’abasirikare bari muri Congo
 ONU: Ingwano irarekuwe hagati y’abasirikare bari muri Congo
				
				mercredi 12 Ruheshi 2013
Uwujejwe ibikorwa vya gisirikare vya ONU vyo guhagararira amahoro muri Kongo amenyesha ko abasirikare bose agaba ibihumbi 18 bashobora kuzogira uruhara runini mu mirwano.
Ingabo igizwe n’abasirikare ibihumbi bitatu bajejwe gutabara vyihutirwa bariko bararungikwa mu buseruko bwa Kongo, bakaba bajejwe igikorwa co kwaka ibirwanisho imigwi iri muri ako karere.
Izo ngabo zishobora gukora ibitero iyo zibonye ko abarwanyi bashobora kubangamira abanyagihugu.
Intwazangabo Albert Dos Santos Cruz, ajejwe ibikorwa vyo guhagararira amahoro yamenyesheje ko ayo mategeko mashasha agenga intambara ashobora gukoreshwa n’abasirikare bose bahagarariye amahoro muri Kongo.
Albert Dos Santos amenyesha ko ivyo bizovana n’ukuntu ibintu bizoba vyifashe.
Egide Nduwimana
