IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ONU isaba abanyeporitike guha agaciro ibiganiro biriko biraba mu (...)

ONU isaba abanyeporitike guha agaciro ibiganiro biriko biraba mu Burundi

vendredi 5 Ruheshi 2015

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU risaba aberwa n’ikibazo ca poritike mu Burundi, gushira mu gaciro ibiganiro vya poritike biriko bifashwa n’intumwa idasanzwe Saïd Djinnit.

Muri iryo tangazo, abarongoye Uburundi basabwa gusonera amasezerano mpuzamakungu yubahiriza agateka ka zina muntu, harimwo gukoranira hamwe kw’abanyagihugu mu manama. Ikindi gisabwa Reta muri iryo tangazo, ni uko, inguvu zikoreshwa n’abaporisi zitoba izibangamira agateka k’abagira imyiyerekano, nayo uwo wese yahohoteye abagira imyiyerekano bigaragara, akaba ategerezwa kuzobobazwa imbere y’ubutungane.

Stéphane Dujarric umunyamabanga wa Ban ki Moon

Mwomenya ko muri iryo tangazo, bamenyesha ko inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano, yize ikibazo c’ugukomeza amahoro mu Burundi, ONU nayo ikaba iguma ikorana n’abategetsi b’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko, ku cuka kibi mu vya poritike kiri mu Burundi. Iryo tangazo rero, rikarangiza rishima ku nama yo ku wa 31 Rusama yahuje abakuru b’ibihugu vy’akarere k’Afrika y’Ubuseruko, aho nayonyene, yariko yiga ku bibazo vy’Uburundi.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.