IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ONU isaba Uburundi gufasha Congo kugarukana amahoro

ONU isaba Uburundi gufasha Congo kugarukana amahoro

vendredi 3 Rusama 2013

Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’uburundi Petero Nkurunziza yahaye umubonano intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu karere k’ibiyaga binini, Mary Robinson, kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 3 Rusama 2013, mu ntara ya Kirundo.

Inyuma y’uwo mubonano, Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yabwiye abamenyeshamakuru ko iyo ntumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yaje kurahura ubwenge ku kugene igihugu c’Uburundi cavuye mu ntambara, yongera asaba ko Uburundi gufasha Leta ya Congo nayo ishobore kugarukana amahoro.

Nyenicubahiro yemenyesheje ko Uburundi buzofasha mu kworohereza abantu canke ibikoresho bizoba bikeneye kujanwa mu gihugu ca Congo biciye ku kibuga c’indege ca Bujumbura, mu bikorwa vyo guhagararira amahoro mu buseruko bwa Repubulika iharanira demokarasi ya Congo. Uburundi bwemeye kandi kuzorungika intwazangabo mu bikorwa vyo kugarukana amahoro muri Congo.

Umupfasoni Marie Robinson yakengurutse iyo ntererano y’igihugu c’uburundi yo gufasha ubuseruko bwa Congo, aho yaciye amenyesha ko amasezerano y’i Addis Abeba yateweko igikumu n’ibihugu cumi na bibiri azoshirwa mu ngiro n’Uburundi.

JPEG - 5.5 ko

Tubamenyeshe ko iyo ntumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu karere k’ibiyaga binini yashitse mu Burundi ku muhingamo wo kuwa kane igenekerezo rya 2 rusama 2013, urugendo rwiwe rukaba rugamije kuganira n’abatwara ibihugu vyo mu karere ku kibazo c’umutekano wo mu buseruko bwa repubulika iharanira demokarasi ya Congo.


Egide Nduwimana

Messages

  • N’akarorero keza ku gihugu c’uburundi kubera ubwira bw’umukuru w’igihugu.

  • ariko Alphonse nkubaze harya afise ubwira ubuhe ko ntarabubona?woba ukunda igihugu cawe kweli?urabona bugezehe mumwaka 10 amaze yazanye iki?amahoro arih abanyagihugu ubukene bubugarije!!abantu birirwa bacibwa amazozi abandi bagirirwa akarenganyo nimbonerakure cane cane abasore ntavyo ubona?nabanze azane ayo mahoro mugihugu ciwe ivya congo navyo bizoza hanyuma!!ba mureka kwirengangiza ivyo mubona mugasigasiga ibidasigika!!ahubwo mwumve isoni zaho turi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.