IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ONU na UA ntibahuriza ku cokorwa ku kibazo kiri mu Burundi

ONU na UA ntibahuriza ku cokorwa ku kibazo kiri mu Burundi

dimanche 24 Nzero 2016

Inama y’umutekano mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ntibahuriza ku cokorwa mu Burundi kugira amahoro aboneke.

Inyuma y’urugendo intumwa z’inama y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU zagize mu Burundi kuva kuwa kane igenekerezo rya 21 Nzero 2016,zikabonana kandi n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza,izo ntumwa zimenyesha ko zidahuriza neza n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ku cokorwa mu Burundi.

Kuwa gatandatu igenekerezo rya 23 Nzero 2016,intumwa z’inama y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU zarahuriye i Addis Abeba muri Etiyopiya n’abagize inama y’amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika.

Kubwo intumwa z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU,inyishu ku kibazo c’Uburundi ntizova mu nguvu,ariko hakenewe inyishu ya politike iyo nayo ni guteza imbere ibiganiro n’irungikwa ry’indorerezi za gisirikare n’abajejwe agateka ka zina muntu b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika.

Ku ruhande rw’inama y’amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, babandanya bamenyesha ko ingingo yo kurungika abasirikare 5000 bo mu rwego rwa MAPROBU mu Burundi ari ntabanduka kandi itegerezwa kwemezwa,kandi ko igiye kurungikwa vuba muri ONU kugira iyemeze.

Gushika ubu ku ruhande rwa ONU ntaco irashikiriza kuri iyo ngingo y’inama y’amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

IGIHE

Messages

  • Africa Nimwihagarareko Musubizumutamana Igihugu C’uburundi.Natw’abarundi Dushigikiy Démochratie N’amasezerano Yi Arusha Turinyuma Yanyu.Namakungu Natahure Ikibazo Comuri Muburundi.Kand Nabandi Ba Président Bipfuza Ikiringo Cagatatu Bogira Ico Batinya.Gutyo Ibihugu Vyokumugabane Wa Africa Bigaterimbere.

  • Ntibahuza, kuko niko vyanditswe. . Iki kibazo c’Uburundi kizorangizwa n’Imana yo mw’ijuru, nayo Samanta Power jewe sindamwizeye na buke. Sindi padiri sindi pasitori mugabo ejo ku mugoroba narasomye ahantu muri Bibiliya yanje havuga ngo: "bazovugana ibinyoma bicaye kumeza amwe, kandi ivyabo ntibizororana" . Vyanteye kwibaza, sinzi weho ico vyokubwira. Gusa sinibuka neza umurongo, ariko ni mu gitabo ca Daniyeli 11.

  • NIMUBANDANYE MUBE IVYITSO VYA SENARED IMPERA NIMPERUKA MUZOHIYUKA UKURI KUZOTEBA KUJ AHABONA KANDI NAHO NIBA MURIKO MURAKORESHWA NABANYABURAYA ICINGENZI MWIBUKE KO MURABANY AFRICA ZIRIYE MUKIKE ZIRARIRIYE MPANDA EJO UNOMUSI NI NKURUNZIZA EJO NAHO NABANDI MURIMWEBWE CUNGEENI SIL

  • Indongozi zimwe zirongoye ubumwe bw’Africa murindire mumisi itarimyishi ziraza kwibonekezako zahawe igiturire nibihugu bimwebimwe vyarutura kugira Africa irungike abasirikare NUBUMWE bw’Africa gufasha gukuraho reta yu Burundi. Africa iracitsemwo kubiri mwese ibimvuze muzoba mwavyiboneye mugihe kitarambiranye.

  • Muzomarana Muph aa Ivyuburundi . Ubu Mwabonye Ko Uwatowe Ataricwa Muriko Muta Amano Kumabuyi Ngo Murungika Abarwanyi Muburundi?None Murazi Abashigikiye Reta Uko Bangana ? Ko mutegura Gushinga Iyindi Reta Murazi Ko Bazobemera Ninde Azotwara Atatowe N Abenegihugu reka kutwaka ubureganjira bwacu

  • ABO BASIRIKRE IBIHUMBI BITANU BOJA GUFASHA IKI?ABIGIHUGU C’UBURUNDI NABO BAFASHA ABANDI. NIBABARUNGIKE MURI HAITI,NAHANDI INGWANO ZUZUYE MUBURUNDI NTANZU IRIKO IRASHA.

  • Kw’izina z’ingabo za FODEBU (Force Democratique Burundais) turongoye, twashaka kumenyesha abarundi bose ko ingabo za FODEBU ziyemeje kurwanira n’ugushigikira agateka na democratie vy’igihugu c’uburundi. Kubera igihe gihambaye turimwo twashaka kumenyesha abarundi n’amakungu ibi bikurikira:
    FODEBU yiyemeje kurwanya imburakimazi zose ziyemeje gutera igihugu cacu c’uburundi na cane cane aba terroristes bose barongowe na Niyombare n’abamushigikiye bose. FODEBU yiyeje kwifatanya n’ingabo z’igihugu c’uburundi mukurwanya n’ugutuza Niyombare n’abamutuma bose. Turamenyesheje abarundi n’amakungu ko atangabo za AU zizahonyoza ikirenge mugihugu cacu. Nibabirengako FODEBU izabafata nk’abansi b’igihu c’uburundi. FODEBU iramenyesheje ko itahura kandi ishigikiye Leta y’uburundi n’abayirongoye bose. FODEBU igizwe n’ingabo zinonotse kandi z’inkerebutsi ziyemeje kurwanira agateka k’uburundi n’abarundi bose na cane cane abo bose batahura kandi bashigikira imigabo n’imigambi y’umukuru w’igihugu nyakwubahwa president Petero Nkurunziza. Kaze muri FODEBU, kaze turwanire iragi twasigiwe nabasokuru bacu. Laurent RUZUNZIKA, umukuru wa Force Democratique Burundaise (FODEBU).

  • Amhoro arahari akuzuye ntibamurika abayabuze bafise inygengabitekerezo numururumba wogutwara

  • Aho Ubumwe Bwafirika Bushaka Umushahara Kukukobazi Ko Izonteko Zova Murafrika Zigahembwa Na Un. Sugukunda Uburundi. Arikwabanyafrika Bazocubwengeryari! Ubwonubukene Butera Kuryuwawe! Afrikaweeee!

  • Maprobu irakenewe vyihuta nibatabare turaheze

  • SEND THEM QUICKLY. EXCEPT HANGER,WE ARE TIRED BY VIOLENCE AND DEATH OF ALL KIND WITHOUT TORTURE MADE BY PETER’S GROUP.

  • jemuga sinumva kobagomba inteko mvamakungu zobazije gukoriki ? bonyene baraje barabonye uburundi ingene bwubatse ikintu cokogwa nuko batosubira gukorera kubihuha baraye bavyoboneye kigihugu cuburundi arinyabagendwa hama bahanure senarede ireke kuryanisha abarundi kuko ndabona ataco izishikana uburundi uretse ubwicanyi

  • Namye mvuga nabandi barabivuze ikinyoma gikubitiwe ahashashe ,nyamitwe nasubire avuge ko atamirwi y’iterabwoba ishigikiye nkurumbi ihari ,ubuho beneyo bariyaruye MAPROBU ninyaruke iyomirwi y’inkorabara itarakora ibara

  • Namye mvuga nabandi barabivuze ikinyoma gikubitiwe ahashashe ,nyamitwe nasubire avuge ko atamirwi y’iterabwoba ishigikiye nkurumbi ihari ,ubuho beneyo bariyaruye MAPROBU ninyaruke iyomirwi y’inkorabara itarakora ibara

  • Indongozi zimwe zirongoye ubumwe bw’Africa murindire mumisi itarimyishi ziraza kwibonekezako zahawe igiturire nibihugu bimwebimwe vyarutura kugira Africa irungike abasirikare NUBUMWE bw’Africa gufasha gukuraho reta yu Burundi. Africa iracitsemwo kubiri mwese ibimvuze muzoba mwavyiboneye mugihe kitarambiranye.

  • sorry! why don’t u get on? we wonder UA is not impartial!so, i beg ONU and UA to be impartial inorder to find the truth so that to use it.

  • Turasavye Imana Mushobora Vyose Idutabare Ihindure Uwo Mutima Mubi Wa UA.Muburundi Turatekanye.Kandi Âbadutobera Ni Quartier Musaga N’ahandi Hagwiriye Abatutsi.Biratangaje Kuko Nka Jewe Nkunzwe Numuhutu Kandi Dukundanye Ivyigitangaza.

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.