IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ONU yemeje irungikwa ry’abaporisi mu Burundi

ONU yemeje irungikwa ry’abaporisi mu Burundi

samedi 2 Ndamukiza 2016, par egide

Inama ijejwe umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yemeje ingingo yo kurungika abaporisi mu Burundi.

Iyo ngingo y’inama ijejwe umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yashikirijwe n’Ubufaransa, ikaba ihamagarira Ban Ki-Moon umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU gutunganya umugambi w’irungikwa ry’abo baporisi, akoranye na Reta y’Uburundi.

Mu kiringo c’iminsi cumi n’itanu, Ban Ki moon asabwa gukorana na Reta y’Uburundi hamwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika kugira ibikenewe vyose bitegurwe, abo baporisi ba ONU barungikwe mu Burundi.

Francois Delattre aserukira Ubufaransa muri ONU yamenyesheje ko iyo ngingo ari intambwe ya mbere yo gufasha kwongereza ubushobozi ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, ibizofasha kubandanya gukurikirana agateka ka zina muntu mu Burundi.

Intumwa y’Uburusiya muri ONU, Petr Iliichev, yamenyesheje ko igitigiri c’abaporisi bazorungikwa mu Burundi gishobora kutarenga 100, kandi ko bazoba bafise ibirwanisho.

Imbere y’uko iyo ngingo ifatwa, Albert SHINGIRO, uwuserukira Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yari yamenyesheje ko igitigiri c’abo baporisi gishobora kuba kiri hagati ya 20 hamwe na 30. N’aho biri uko, Albert Shingiro yasiguye ko Uburundi butazokwigera bwemera ingabo zitwaje ibirwanisho mu Burundi, kandi iyo ngingo itegerezwa gufatwa inyuma y’umwumvikano hagati ya ONU na Reta y’Uburundi.

Iyo ngingo yafashwe inyuma y’aho igihugu c’Uburundi kimaze kumenyesha ko kitemera irungikwa ry’inteko mvamakungu mu Burundi. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yamenyesheje ko ata nteko zikenewe mu Burundi, yaba iza ONU canke iz’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika.


IGIHE

Messages

  • HA NINTAMBARA.NON UWO MUGABO IZO NTEKO AZANKIRIKI?NABAREKE.CANK HARICO YICURA.MANA RABA IGIHUGU CAWE

  • Ariko abobazungu ntibumva na france koko? Nibabajane muri nigeria hamwe no muri belgique kuko niho bakenewe.

  • None Abobaporisi Nibangahe?Hoho Retay Uburundiniyavyankabizogendagute?Bazobarungikakunguvu?Nkurunziza Akavyanka Bacebamukuraho Kunguvu Ntazobashakamahoromuburundi!!

  • Nibaza Ku Nguvu Tuzobakira N Umucanwa W Inkoho. Twitegurire Kurwana Umwansi Ari Hafi. Ubu Babonye Ko Atagisigaye Atari Intambara Izonjavyi. Bazoza Aruko Batumaze Twese. Barundi B Umutima Hagarare Bwuma Tugwanye Umwansi Harageze.

  • Nibaz Batarinze Kubaza Kananir’abagabo Ntiyimye Kandi Uburundi S ’ izinga Ryigenga

  • ONU ntakigenda ariko akagabo nkako aho mugahendahenda ntimworungika NATO ingorane zikarangira,mbe nkurumbi ni muntu ki?aruta KADAFFI?aruta SADDAM?akantu imunsi umwe mwoba mugatoje intoke aho muguma mukabembereza niho kaguma kiyemera,ONU KORA AKAZI MUJEJWE.

  • Jewekubwanje,ufisikibazo,utabagwanumugenzi,bankakwicabantubababona,bazodukingirasha,sicokimwenabaporisi,babarund,nahataribos

  • Twebwe abajejwe umutekano bacu barikwije kandibarashiboye.
    Nububaguma baribwaribwa kubona atabantu bajahantu nkumurwi wiyemera ngobisinye bahangana nabajejwe umutekano wuburundi maze abajejwe umutekano wuburundi babagotomere izobaryaka.
    Egobumvikanye na reta hoza aboba polisi bangana nka 20 canke 30 bakamera nkabaje gufata training muburundi.

  • Emwe Abo Baporisi Bodufashiki ?Mubibazo Biri Muburundi Mugihe Abateza Ivyo Bibazo Arabashatse Gutembagaza Ubutegetsi Ahubwo Iyo Nama Ya ONU Yofasha guhagarika abo bashats gutembagaza ubutegetsi abobazungu izongingo nibazifatire ibihugu vyabo uburundi sibwo bubuzamahoro

  • MBEGA ABO BA PORISI IJANA.100 BAZOSHOBORA GUCUNGA UMUTEKANO MUGIHUGU COSE IBUJUMBURA MUMAKARITIE YA,BAYEMWO IMYIYEREKANO KARUSI NAHO HARATERWA NA KIRUNDO MAKAMBA BUJUMBURA LIRARI NAHANDI HESHI MUGIHUGU

  • Nibavyumvikane,hama Bakore Ibikenewe,abarundi Twibere Mu Mahoro!!Ahandi Ho Uwutishwe Nurusasu Cnk Grenad Azokwicwa Na Kigoyi.

  • Iyo ngingo ya shikirijwe ninziza ariko izongabo zigi porice nibakeya cane, twebwe abanyagihugu twifuza komwo zongereza, mukarungika 15000 cance barenga. izontagodwa nazo zivuga yuko batemera aboza bafise ibirwanisho, mbega barya twarungitse muri somariya nahandi, bagiye badafise ibirwanisho ? bakanka kobinjira, twabasaba komwoca mufata ingingo zikomeye zaruhasha. kuko iyumuntu yahanuwe keshi akananirana ikibagisigaye, nugukoresha ububasha muhabwa namategeko Mpuzamakungu, ndazuwo ntazonanirana yi hagararako kubera ntaco arabona, numwana iyahanurwa ntiyumve, aza kwemera iyo bimukomeranye nihatangura kwicuza ati yomenya mwibuke wa muhimbiri Cadafi vyamugendeye gute? yigira agakomeye nkuwo Nkuru Nziza Petero. ndibaza iyombonye utwo yigira mugukengera amakungu, nkaraba nabahora bigiribihangange ukovyabagendeye, ncanumva antera kagorwe kuko ntabasoda afise basumba ababirya bihugu, ariko baracishijwe bugufi. ubwenge bwaragiyeeeeee.

  • Iyo ngingo ya shikirijwe ninziza ariko izongabo zigi porice nibakeya cane, twebwe abanyagihugu twifuza komwo zongereza, mukarungika 15000 cance barenga. izontagodwa nazo zivuga yuko batemera aboza bafise ibirwanisho, mbega barya twarungitse muri somariya nahandi, bagiye badafise ibirwanisho ? bakanka kobinjira, twabasaba komwoca mufata ingingo zikomeye zaruhasha. kuko iyumuntu yahanuwe keshi akananirana ikibagisigaye, nugukoresha ububasha muhabwa namategeko Mpuzamakungu, ndazuwo ntazonanirana yi hagararako kubera ntaco arabona, numwana iyahanurwa ntiyumve, aza kwemera iyo bimukomeranye nihatangura kwicuza ati yomenya mwibuke wa muhimbiri Cadafi vyamugendeye gute? yigira agakomeye nkuwo Nkuru Nziza Petero. ndibaza iyombonye utwo yigira mugukengera amakungu, nkaraba nabahora bigiribihangange ukovyabagendeye, ncanumva antera kagorwe kuko ntabasoda afise basumba ababirya bihugu, ariko baracishijwe bugufi. ubwenge bwaragiyeeeeee.

  • Ewe pita nawewe usomera induru zivuga ayo mata ahava agukora uramira buhoro buhoro

  • Nabaze mubatembereze kuri Tanganyika. Bagere niwabo w’abantu bumve uko uburundi ari amahoro 100/100. Nkurunziza turomushaka indi myaka 20.

  • Yemye Gerageza Muko Reshe Ico Mwize Nayahandi Uwo Mugabo Guhonya Abo Batavugarume Raba Nka Bantu Bapfugigwa Mwi Gendereza Baza Baba Ciye Ibihimba Vyiro Ndoka Raba Ico Mwokora Mwe Bwenyene Ninki Bonera Kure Zo Mugatuguru Zisigaye Umego Igihugu Nicazo Ari Bamenye Ko Ibintu Bihinduka Turababona Bura Gukora Ikiyede Gomuriko Murara Mura Gende Hari Umusi Mutazi

  • Ahobamara abantu kuva 1965 kugeza naho bica uwitorewe nabanyagihugu izongurube zabazungu zarihe,tuzobagwanya kumwe kwa Rumariza nibaza tutavyunvikanyeko,bagomba kutuzanira intwaro zaba hima bibururi ariko barahumba,kugeza yezu agarutse.

  • none se sha ko mbona nkurunzinza igihugu kimunaniye burundu burundu ! erega ntabwo abaturanyi bakunva urimo urwana numugore wawe induru ari yose ngo begutabara ngo nuko uri iwawe !! ubwo ubugabo buba bwanze nyine ! niyemere acishe make nyine bamurindire urugo naho ubundi byamuyobeye

  • Dusaba amakungu arungike FBI canke NATO nayo igi police ntaco kije gukora,nkurumbi yarabemberejwe nico gituma aguma avyimvya amavya.

  • MWEBWE VYARABANANIY NIMUVYIHOZE

  • Inteko Mvamakungu Ntizikenewe! Abobapolice Ba ON Nabo Hamwe Reta Yuburundi Yobemerera Ntihagire Inkoho Nimwe Bazozana Mugihugu Cuburundi!! Turavyase.

  • ntakivamwo,abo batumva ikirundi ubwo barko barakuniga yovyumv ukuntu utakamba cnk umutakambira!nayashush ajamwo.namb musenga nimurk gupfa amavuta,natw batobto turatubits umukanda munda.

  • Yoo!!Ewe Onu Nuburayi Imana Ibahezagire!! Murakunda Abanyagihugu Biburundi.Dufashe Imana Niyo Izobahemba.Barungike Vuba.Ngira Tworonka Amahoro.

  • Ahobaza bitwaje ibirwanisho,baje kurwana nabande?Ndongozi z’Uburundi bwira abafaransa kwivyo bifuza vyamenyekanye.

  • Ahobaza bitwaje ibirwanisho,baje kurwana nabande?Ndongozi z’Uburundi bwira abafaransa kwivyo bifuza vyamenyekanye.

  • Abo nibo final ya DD na NKURUNZIZA

  • Mugihe amakungu azi yuko mugihugu caricocose kiri kwisi cabuze amahoro bivyanye nitwaro mbi iri abene gihugu bagatabaza ayo makungu nukuvugako biba vyakomeye.ahubwo ayo makungu nagiher inguvu mukwitohoreza ivyobiriko biraba murico gihugu. Ico nosaba reta irungitse abo bajejwe umutekano ntibaze iminwe misa. kuko ntibazobabaje mukirori. Yesu adusaba kwamatwiteguy mukwirinda kuko satani ameze nk intambwe igenda irongera. Uwoyorotsa. Imana impezagirir uwewes afise ico ashaka gufasha uburundi.

  • Indege-izobazana-ntize-iduhonyorane-kubutaka-bw’igihugu-cacu.Tuzoyumve-yacitse-ifu.

  • Baraza bitonze,nayahandiho igihugu cuburundi ntikirimwo abana,iyo nimitwe yabo batutsi,murabona ko imigambi yose bari bapanze yabapfanye none baratanguye guta imitwe,ariko turababona ivyo bashaka vyose,mwabatutsimwe mwihende uyu nyakwubahwa wacu NKURUNZIZA mukoreko,sibimwe vyandadaye mwamwica mugaca mushira agate muryinyo,ubuho mwese muzoca muhona.muragapfa mutadusubije mwishamba mwa nyansimwe,NKURUNZIZA nimumenyere atuyobore twese abarundi,tuzomwongere nomuri2020 azoba ariwe!,nta mu police azohonyora muburundi nibigwanisho,kizire!,tekereza mwantunvamwe.

  • Twebwe dukeneye inteko ziza gukingira abarundi ntidukeneye abaza kudufasha guharura imivyimba nokurorera abacibwa amazosi nkaho umengo barorera umupira

  • Jewe nkabona Baje Mukabarasa ,nzocamenyako indege zitagira Abadereva Zigira zirase.Mana Uturinde akokabi!!

  • N’ukuri Turashimye Ingingo Onu Ifashe.Ariko Abo 100 Mbona Umengo Nibake.Nosaba Kand Ko Yobarungika Ningoga

  • Ahubwo Nimba,abobaporis Boza, Bakazana Ibigwanisho Nibatubwire Tube Turaririmana Bazosange Twiteguy. Uburund Nicogihugu Kibuzamahor Kurutibind? Iyoporitik Bayikuyeh? Iyoportik Yigitutsi Nibareke, Nibazanah Natwe Ntitrabana! Tuzoyasamvyape! Uburund Twarikukiy, Nibarek Uwukoramarasowes Azoyabazwe.

  • ntibaze bosanga ico baje kudukiza arico tuzize imana yônyene niyo ibona amagorwa turimwo tuzoyavamwo ntamvura idahita nubwambere vyaraheze

  • Abo Bagabo Bahakana Izo Nteko,Bakorana Na Nkurunziza Mugucimitwe Abantu.ONu Sumwana Irabibona!Barunguke Petero Nabo Bafashanya Ubuniganyi Babasotore Bibonereko.Mbe Ntibarahomwa Kuniga Ikiremwa C’imana?Baragow Pee.!

  • Peter Nkurunziz Yanze Inteko Kugra Amare Abarundi Icombna Nibaze Kunguvu

  • MUHARIRA MUPFA IKI?IMANA YO MWIJURU NIYO CABONA!NAYAHANDI HO NTMURIMYI ADAFITA ISUKA KANDI NTAMUNYESHUR ATAGIRA IKARAMU

  • Mbega Kuki None Kobarungika Inteko Uburundi Ntidukwiye Canke? Reke Turabe Iyo Bija

  • ntakintangaza.rien ne m’étonne.

  • vyanka bikund intek nvamakungu zitegerezwakuz kand turavyipfuz

  • ako kanama kavyemeje kabanj kubaza tw benegihugu? ntabo dukeney. ahubwo nibaturungikire aba économistes batwerek uko twozamura ubutunzi

  • Ahubwo icombona jewe nuko twosengimana ndetse tukanisonzesha ikadutabara naho aboba police nubwoboza ntacohinduka Imana yonyene niyoyokwikorera.

  • Ntantekomvamakungu Dukeneyekukotwebwaboburundi Nitwedukeneyekwikemurira Icokibazo Kukotwihagije?Turashoboyemurivyose Urihanze Urimugihugu Turashoboyehose

  • ahubwo batevye nibanyarukevuba batabare uburundi

  • Twese Hamwe Uvyitondeye Ukabiraba Duciranir’imanza Zogupfa.Ndavuga Uwushigikiy’ubutegetsi Ndetse Nabatabushigikiye.Mwijambo Rimwe Biboneka N’aho Ubutegetsi Bwohinduka,N’uwoza Ntiyoshimwa.Abayarijewe Ntwara<<nosaba,abarundi Bose Kwisi Kubabarirana.Kuko Nahivyaha Tutabinganya,kwica Bituri Mumaraso.Hanyuma Umurundi Wese Kwisi Ahari Akitwa Umwere Kubwimbabazi Zabarundi.>>nkuko Habaye Demobirisation Ya Basoda,hakaba Demobirisation Yabanye Poltike Bose.Ndizera Haje Bashasha Batavyigeze Atanumurundi Yagirizwicaha Vyofasha Gukundana Nogukundigihugu.Uhoraho Atwamizekwijisho.

  • Ntanteko mvamakungu dukeneye muburundi umuti nitwebwenyene abarundi tuuzowiyahira duciye mubiganiro bihuza twese bidakumira

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.