IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ONU yongereje ikiringo ca BNUB mu Burundi

ONU yongereje ikiringo ca BNUB mu Burundi

vendredi 15 Ruhuhuma 2013

Inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yafashe ingingo yo kongereza ikiringo c’ibiro vy’aryo BNUB mu Burundi. Yongewe umwaka, izorangiza ikiringo italike 15 Ruhuhma 2014. N’akanyamuneza ku bataribake harimwo n’abanyepolite bari bamaze igihe basaba ko ico kiringo cokongerezwa mu ntumbero yo gutegura neza amatora yo mu mwaka w’2015.

Inama nkuru y’umutekano yavyemeje mu ntango z’iyi ndwi i New York ariko sico u Burundi bwifuza. Reta yashaka ko ibiro BNUB vy’ishirahamwe mpuzamakuru ONU vyohinduka buke buke nk’ugufashanya kw’ibihugu vyose biri muri ONU n’u Burundi, ico bita mu gifaransa ’’La transformation progressive du BNUB en une nouvelle équipe-pays des Nations Unies au Burundi’’. Ambassadeur Albert Shingiro, umunyamabanga mu bushikiranganji bw’ugufashanya niwe yabisavye i New York ku munsi wa kabiri italike 12 Nzero uyu mwaka, ariko icemewe n’uko BNUB yongerejwe ikiringo c’umwaka umwe mu Burundi.

Abahinga 15 ba ONU muri iyo nama bemeje ko ibiro BNUB vyoshira imbere gufasha no gushigikira u Burundi mu migambi ya politike cane cane gushiraho icuka ciza ca politike,ibiganiro mu banyepolitike n’ukuvuga Reta n’abo batavuga rumwe n’ugushiraho ibikenewe vyose kugira amatora yo mu mwaka w’2015 azobe mu mwidegemvyo n’umwumvikano ntangere.

Ikindi iyo nama y’umutekano ya ONU yasavye n’uko amashirahamwe yose mpuzamakungu akorera mu Burundi yotanga inyigisho mu gipolisi kugira gikore cizewe n’abanyagihugu.

Parfait Onanga-Anyanga, arongoye BNUB yavuze ko bikenewe ko igipolisi c’u Burundi gihabwa inyigisho zihanitse nk’uko igisirikare caronkejwe inyigisho na BNUB mu mwaka w’2004 igihe imigwi igwana yingira mu nzego z’umutekano. Ivyo ngo vyatumye haba discipline n’ukubaha agateka ka zina muntu ku basirikare, ariko ngo siko bimeze mu gipolisi.

Muri uyu mwaka BNUB yongewe wo gukorera mu Burundi, ngo iryo shirahamwe mpuzamakungu rizokwihatira kandi mu gisata c’ubutungane,agateka ka zina muntu, gushira imbere agateka k’abakenyezi n’abana hamwe n’ukwitaho urwaruka. Ikindi ngo n’ugufasha abahungutse ba va muri Tanzaniya gusubira kwiyungunganya mu buzima bwa minsi yose hamwe rero no gufasha u Burundi kugira bugire ikibanza gikomeye mu muryango wa Afirika y’ubuseruko.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.