IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > PAM : Hazokwisungwa amategeko mu kwongerereza akanovera ibifungurwa

PAM : Hazokwisungwa amategeko mu kwongerereza akanovera ibifungurwa

mardi 3 Kigarama 2013

Mu matohoza yakozwe, gufungura imfungurwa zitarimwo ivyunyunyu, biri mu bituma ibitigiri c’abafungura nabi vyongerekana. Kubw’ivyo, umugambi wo kwongerereza ivyunyunyu ku mfungurwa zifungurwa cane mu Burundi, ukaba waciye utanguzwa.

Agatabo karimwo ibitegerejwe gukorwa kugira ngo ivyunyunyu bigiye gushirwa mu mfungurwa zifungurwa cane ntibize bibangamire abantu, ibintu n’ibidukikije kagiye gutangura gukora na mu Burundi mu ntumbero yo kugabanya igitigiri c’abafungura nabi.

Ishirahamwe mpuzamakungu PAM ryifadikanije nabo basanzwe bakorana mu gutora amategeko genderwako mu kurwanya gufungura nabi, kuri nuyu wa mbere igenekerezo rya 3 Kigarama rikaba ryaratunganje uruganda rwo guhimiriza kujanye n’agatabo kagiye gukoreshwa mu kwongerereza ivyunyunyu imfungurwa zifungurwa cane mu Burundi.

Kibifashijwemwo n’amashirahamwe mpuzamakungu PAM na World Vision na Project Healh Children (PHC), ikigo BBN gisanzwe kiraba ko ivyakozwe vyisunze amategeko, kikara ko bifise n’akanovera, akaba arico kigiye gukurikirana ivyerekeranye nako gatabo hano mu Burundi.

Kubwa Damien Nakobedetse arongoye ikigo BBN, ako gatabo karimwo ibitegerejwe gukorwa kugira ngo ivyunyunyu bigiye gushirwa mu mfungurwa zifungurwa cane mu Burundi, nk’ifu y’ibigori, y’imyumbati, amamesa n’isukari, kazofasha kwisunga amategeko mu kutarenga gushiramwo ivyunyunyu vyetegekanijwe. Ikindi naco, ivyunyunyu bigiye kwongerezwa muri izo mfungurwa bizokwongerereza akarusho mu gufungura neza, mu gihe izo mfunfurwa zahora zifungurwa ata vyunyunyu n’akanovera zifise. Nk’akarorero, mw’isukari hazokwongererezwa ivyunyunyu A, mw’ifu hongerezwe icunyunyu ca Fer, Zinc na acide Folique, mu mamesa naho, ivyunyunyu A, D n’ibindi.

Cishahayo Antoine, yaserukiye umushikiranganji w’ubudandaji n’amahinguriro mu Burundi, mw’ijambo ryiwe ryo gutanguza urwo ruganda, yamenyesheje ko Uburundi buje kwifadikanya n’ibindi bihugu bisanzwe vyaratanguye kurwanya gufungura nabi bakoresheje umugambi wo kwongerereza ivyunyunyu mu mfungurwa zifungurwa cane. Amenyesha kandi ko Uburundi bukiri inyuma mu mategeko ngenderwako mu bijanye no kwongerereza ivyunyunyu n’akanovera ibifungurwa. Ivyo navyo, bikaba biri no mu bituma abantu babandanya bafungura nabi mu Burundi.

Aho mukamenya ko, mu bihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko, ari igihugu gusa c’Uburundi kitari bwijukire umugambi wo kwongerereza akanovera ibifungurwa mu ntumbero yo kurwanya gufungura nabi. Uwuserukira ishirahamwe PAM mu Burundi, Bienvenu Djossa akaba yahamagariye abantu kwijukira gufungura ivyo bifungurwa bigiye kwongerereza akanovera ngirakamaro, kugira barwanye gufungura nabi.

TwoBIBUTSA ko agatabo karimwo ibitegerejwe gukorwa kugira ngo ivyunyunyu bigiye gushirwa mu mfungurwa zifungurwa cane kari kamaze imyaka ibiri karakozwe, ariko kakaba kazotangura gukoreshwa mu Burndi mu mezi atandatu agiye kuza.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.