Accueil > Amakuru > u Burundi > Parfait Onanga: Amateko akenera ubwitonzi mu kuyashira mu ngiro
 Parfait Onanga: Amateko akenera ubwitonzi mu kuyashira mu ngiro
 Parfait Onanga: Amateko akenera ubwitonzi mu kuyashira mu ngiro
				
				jeudi 13 Ruheshi 2013
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryarerekanye umwitwararariko rifise ku tegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru mu Burundi ryateweko umukono n’umukuru w’igihugu.
Parfait Onanga Anyanga, aserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, mu kiganiro Parfait Onanga yahaye abamenyeshamakuru yamenyesheje ko yizeye ko ubutegetsi bw’i Bujumbura buzokorana ubwitonzi bukwiye mu gushira mu ngiro iryo tegeko nk’uko mbere vyari vyavuzwe n’umukuru w’igihugu igihe bariko barariharirako ritaraterwako umukono.
Aho abatari bake biyumvira ko abafasha bazohava buzofava badukurako amaboko, Parfait Onyanga amenyesha ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU rizobandanya rikorana n’Uburundi, agasaba abanyepolitike ko bokwigira cane kuri kahise kugira bubake Uburundi.
Floxella Karire
