IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Patiri Ntabona asaba ubutungane kurekura abanyeshuri bapfunzwe

Patiri Ntabona asaba ubutungane kurekura abanyeshuri bapfunzwe

jeudi 23 Ndamukiza 2015

Inyuma y’ikiringo kirenga indwi abanyeshure babiri biga muri kaminuza bapfunzwe bagirizwa gutuka umukuru w’igihugu, Patiri Adiriyano Ntabona asaba abacamanza b’Uburundi kubarekura kuko ataco bariko barazira.

Uwo mwigisha muri za kaminuza akaba kandi n’umuhanuzi mu nama nkuru y’abashingantahe, amenyesha ko ari ibiterasoni kubona ubucamanza bwubahuka bugapfunga abantu ataco bazira. Adiriyano Ntabona avuga ko bidafise insiguro kubona muri kino gihe hari abagipfungwa, bagirizwa kuba bashikirije aho bahagaze canke ivyiyumviro vyabo. Patiri Ntabona akavuga ko ipfungwa ry’abafatiwe mu myiyerekano yateguwe n’imigambwe itavugarumwe na Reta mw’ibohero ry’i Muramvya, ari kimwe mu bitera iceyi ubutungane bw’Uburundi.

Mwomenya ko abo banyeshuri Rene Nshimirimana na Jean Bosco Nibizi bamaze kwimurirwa mw’ibohero ryo ku Murembwe mu ntara ya Rumonge ,kw’itegeko ryatanzwe n’umushikirizamanza mukuru mu gisagara ca Bujumbura, Archade Nimubona.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Dufashe utubwire ivyuvuze amategeko wisinze, ndabona mengo usabuwuhagaritse uburenganzira bwubutungane bwu Burundi urabusubiriye kunguvu canke urabuteye kudeta!?.

  • Ewe ntabona abarundi ntituzoguhweza.

  • OYA...REKA UBUTUNGANE BUKORE NTABONA....!!!AHUBWO ABO BARUNGITSWE KWIGA NABAVYEYI BABO NICO GITUMA BARI BAKWIYE KWIRUKANWA KUKO ICABAZANYE BARACIBAGIYE....NTAWIGA NGO YONGERE AJE MWIBARABARA BISIGURA UBUBE GITO.

    MURABO HARIMWO MUTOYI WANJE ....ARIKO NAGOMBA NKUMENYESHE KO NSHIGIKIYE KO AHANWA.

  • Nibiterasoni ariko Leta yacu ntacobiyibwiy!Gerageza musemerere turabicovamwo.Gupfunga abana atacobazira iyo ntabwo ari politique namba

  • Mbega abo banyeshure boba bitwaje iki mugutuka umuntu twitoreye? Mbega twebwe twamutoye nitwe bagaye? Jewe nibaza ko indero canke kwubaha bigihari muburundi ,mukombozi niwe yavuze ngo : abize bavuga ngo baciyubwenge jewe sindavyemera" sha jewe ndibaza ko atihenze aba student kweri? Ntabona niyihangane kuko kudahana imbwa vyorora imisega kuko nabandi bohakura icirwa. Bibiliya << Mwubahe ababaganza>>

  • Mbega minani uwokubaza igitutsi bamututse urakizi!! Babwire mutama patiri nuko ubwira intumva!!twe twarumiwe ivyaha muburundi nakaga gusa!!

  • Wewe Sigaho nubwo Minani atakubwiye igitutsi batutse umukuru wigihugu baryabanyeshure ubabajije bokikubwira, canke warebanabi bakagutuka nawe nakare ntamuntu yokwubahuka gutuka sebarundi ngwagire uyundi yokwibanga, mwenabo nibamwe biga bakanarangiza ariko ukazosanga bamamubibazo vyurudaca ukobona mengo bararenganijwe ukabona nabafise ubwenge bubayabaye babayehoneza cankebakaronka ibikorwabakora arikwabo twokwita kwarintiti bizecane bakirirwa banaga kumaradiyo ameze nkaza RPA imyavyi mumaso cane cane mumitimayabo yaruzuye, ariko izonvoranezose zigabazakomotse kumuvumo wukuntu bifashenabi murikahise nkukubona ababanyeshure ukugutuka umwami wigihugu ibibihano vyose bariko barabahana nibitoya ahubwo igihano gikomeye kirimbere mumibereho yabo yomurikazoza. Uzosanga bajamukazi bwaca bakagata kumvozumvikana canke zitumvikana (Nyangoma, Alexis Sinduhije, Pacrace Cimpaye, Radjabu,tutibagiwe naba Rwasa Agathon, nabandi ntiriwe ndavuga iyonimivumo tutamenya iyoyazananye uzosanga ivyobakoravyose bigiririnyungu abandi arikobobo bakarushaho guhangayika, ivyovyose birafise imvonimvano twebwe abana babantu tudashobora kumenya. Mbeburya muraziko uryamugabo Mungwengezo kwafise vyishi asumvya abobagabo navuze amazinayabo? Kandiburya arafize numugusha nubwokwishure Gongo (Zaire) yarumunyamahane yahariracane ariko yarubaha, ubunihombona atarevyeneza agakuba kabandi gashobora kuzotuma yisanga mukindikibanza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.