IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Perezida w’u Bufaransa nagondoze Petero Nkurunziza afungure Ruvakuki

Perezida w’u Bufaransa nagondoze Petero Nkurunziza afungure Ruvakuki

lundi 4 Ntwarante 2013

Abamenyeshamakuru bahurikiye muri sendika SNJ yo mu Bufaransa barungikiye urwandiko umukuru w’igihugu cabo Francois Hollande bamusaba ko yogondoza mugenzi we w’Uburundi akarekura umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki akorera iradiyo y’abafaransa RFI na Bonesha FM mu Burundi.

Kubw’iyo sendika, Francois Hollande yokoresha imigenderanire afitaniye n’ Uburundi kugira umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki arekurwe. Ijambo ry’umutwe ry’urwandiko bamurungikiye rivuga ngo ‘’ Ba nyakubahwa bakuru b’ibihugu vyacu, rekura Hassan Ruvakuki’’.

Muri urwo rwandiko, abamenyeshamakuru b’ Ubufaransa bibutsa ingene Hassan Ruvakuki akorera iradiyo y’abafaransa RFI na Bonesha FM mu Burundi yafashe n’ingene icaha yagirizwa cagiye kirahindagurika. Iyo sendika imenyesha ko Ruvakuki yatanguye kwagirizwa icaha co gukorana n’imigwi y’iterabwoba mu mpera z’umwaka w’i 2011 hanyuma acirirwa gufungwa ubuzima bw’iwe bwose. Bukeye kabiri yaciye yunguruza urubanza aca akatirwa gufungwa imyaka 3 yagiriwe n’icaha co gukorana n’umugwi w’abagizi ba nabi wavukiye mu gihugu ca Tanzaniya.

" Hassan Ruvakuki asa n’uwuserukira Ubufaransa mu Burundi "

Iyo sendika yabwiye umukuru w’igihugu Francois Hollande ko ingene icaha cagiye kirahinduka vyerekana ko ariko azira ubusa. Kanatsinda ngo yazize akazi kiwe kuko yahaye ijambo uwurongoye umugwi w’abarwanyi wari watangaje ko ugiye kurwanya Reta y’u Burundi.

Abo bamenyeshamakuru basaba Francois Hollande ko yogondoza mugenzi w’Uburundi Petero Nkurunziza mu gihe azoba ariko aregendera Ubufaransa muri iyi ndwi. Bavuga ko ari akaryo keza ko kubivugana kuko ngo Hassan Ruvakuki ari nk’uwuserukira Ubufaransa mu Burundi.

Muri urwo rwandiko, abamenyeshamakuru bo mu gihugu c’u Bufaransa basaba abo bategetsi babiri kuzoganira o kuvyyerekeye ubwigenge bwo kumenyeshamakuru mu Burundi hamwe n’ubwigenge bw’abacamanza kuko ngo burabangamiwe.


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.