Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Peter Mutharika niwe yatowe arongore igihugu ca Malawi
 Peter Mutharika niwe yatowe arongore igihugu ca Malawi
 Peter Mutharika niwe yatowe arongore igihugu ca Malawi
				
				samedi 31 Rusama 2014
Uwahoze ari umushikiranganji w’imigenderanire ya Malawi n’ibindi bihugu Peter Mutharika niwe yimitswe kuri uno wa gatandatu aze arongore igihugu ca Malawi. Aho ni inyuma y’amasaha make hatangajwa intsinzi yiwe mu matora yabaye kuwa 20 Rusama yahamagariye abo batavuga rumwe kubumbatira ubumwe.
 
- Peter Mutharika, umukuru w’igihugu ca Malawi
Peter Mutharika afise imyaka 74 bavukana n’uwahoze ari umukuru w’ico gihugu Bingu wa Mutharika yitavye Imana mu mwaka w’2012. Uwo mugabo w’imyaka 74 yatsinze amatora ku majwi 36,4 kw’ijana mu matora yiyamirijwe naho abarongoye umurwi ujejwe kuyatunganya wo utigeze usubiramwo guharura.
Agira ati : rwabaye urugendo rurerure ariko kubera ubuntu bw’ Imana, turashitse , numva ntewe iteka cane ,’’ . Uko akaba ariko yagize, yongera atera akamo bagenzi we mu bo bahiganwa gufatanya nawe nyabuna mu kwubaka igihugu.
" Si agaseseshwarumuri biraboneka ko dufise ingorane zitari nke mu gihugu cacu. Ariko twese hamwe tuzosubira kucubaka n’ubwo casa n’ikigeze ku manga aho akaba yavuga cane cane ingorane z’ubutunzi ico guhugu kirimwo.
Umukuru w’igihugu asohotse Joyce Banda ,yashitse mu kibanza kigira gatatu n’amajwi 20 kw’ijana mu matora,akaba yaremeye ko yatsinzwe kuri uno wa gatandatu aho nawe yahamagariye abanyamalawi gufata mu mugongo uwo aje amusubirira.
KARIRE Floxella

Messages
31 Rusama 2014, 16:59, par NGENZIRABONA
Kuva nabona izuba uyu mudamu(Joyce Banda) abaye umupresident wa kabiri yemeye ko atsinzwe ata mananiza nyuma ya Petero Buyoya nubwo mu nyuma...!!!!!
31 Rusama 2014, 17:01, par NGENZIRABONA
Kuva nabona izuba uyu mudamu(Joyce Banda) abaye umupresident wa kabiri yemeye ko atsinzwe ata mananiza nyuma ya Petero Buyoya nubwo mu nyuma...!!!!!