IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero Nkurunziza : Nabuze imvo n’imwe ifaditse yosigura uguhunga (...)

Petero Nkurunziza : Nabuze imvo n’imwe ifaditse yosigura uguhunga kw’Abarundi

jeudi 16 Ndamukiza 2015, par Egide N

Mu gihe abanyagihugu b’Abarundi bahungiye mu Rwanda bamenyesha ko bahunga iterabwoba rigirwa n’Imbonerakure za CNDD FDD, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza avuga ko yabuze imvo n’imwe ifaditse yosigura uguhunga kw’Abarundi. Naho biri uko, abo banyagihugu baravuga icokorwa kugira bahunguke.

Ku rubuga rwa facebook rw’umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza yanditse ati : "Indwi iheze yose nayimariye mu ntara za ‎Kirundo‬ na ‎Muyinga‬, kugira ntahure igituma benewacu bahunga. Nararonse akanya ko kuganira nabo ico kibazo cega bose, mpereye ku Benegihugu bo nyene. Kugira ngo ukuri kuje ahabona ata nkeka, twari twajanye n’Abamenyeshamakuru batandukanye. Narabuze imvo nimwe ifaditse yosigura uguhunga kw’Abarundi muriki gihe turimwo, atari ibihuha n’ububeshi bikwiragizwa n’amaradiyo amwamwe akorera mu gihugu cacu. Kuko amaradiyo niyo nzira ya mbere ibangutse Abenegihugu bamenyeramwo ibivugwa mu gihugu.
Incuro nyinshi, narasavye ko bonyereka icemeza, canke bakandangira mumazina umuntu canke akagwi k’abantu boba batera ubwoba abandi, ndabura. Kubera ibimaramare, umwe mu bamenyeshamakuru twari twajanye yahisemwo gucira hagati urwo rugendo, asubira mu ruganda akoreramwo.
Nararindiriye ko yokwikubita agashi maze i Radiyo akorera ikabeshuza ivyo yari imaze iminsi ivuga, ndabura.
Haba mu Kirundo canke i Muyinga, ico namenye ni uko abahunga benshi bava mu mice y’Abanyagihugu bafise amikoro adashemeye. Muribo, hariho abamaze kugarukana i Burundi utwo bahawe mu makambi y’impunzi, maze bageze ino i Burundi bagatera intege benewabo basigaye bati ingo tujane.
Ni kubera ivyo vyose nafashe ingingo yo gusaba abo dukorana kugwego rw’igihugu canke rw’intara gukora uko bashoboye kwose ntihagire Umurundi numwe asubira guhunga, nabagiye bagaruke.

JPEG - 19.1 ko
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA

Mu kiganiro duheruka kugirana na bamwe mu banyagihugu bahungiye mu Rwanda, batumenyesheje ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yihuse, mu kuvuga ko mu kwezi kumwe boba batashe. Abo banyagihugu bati : "Yari kubanza gutegeka ko ibirwanisho bivugwa ko biri mu banyagihugu bikurwayo, hakajaho n’umurwi wiga igituma abanyagihugu babandanya guhunga igihugu."

Umunyagihugu yaganiriye n’ikinyamakuru IGIHE, yagize ati : "Twahunze ubwicanyi bwateguwe, kandi bugaragazwa n’inyifato y’urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD. Ubwo bwicanyi bwateguriwe abatutsi, hamwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi."
Nk’uko uwo munyagihugu yabishikirije, ikiringo cose ibirwanisho vyahawe Imbonerakure batazoba barabibaka, bongere bake indangamuntu n’uburenganzira bwo gutora vyahaye abanyamahanga, ubutungane busubizwe umutamana, habeho ubutungane atari ubw’Imbonerakure gusa, umukuru w’igihugu aheze yerekane neza uko umutekano w’abanyagihugu bahunze ingene uzoba wubahirijwe, nta murundi n’umwe azotaha.

Ku bw’uwo munyagihugu, kugira ivyo abahunze basaba bishoboke, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza nahamagara amakungu amufasha gukura ibirwanisho mu rwaruka, aheze arungike umurwi ugizwe na Reta, ishirahamwe mpuzamakungu ONU, amashirahamwe y’abadaharanira ivyicaro vya poritike, hamwe na Ekereziya Gaturika, basigurire abo banyagihugu, babahe n’ivyemezo ko umutekano wabo wubahirijwe.

Abo banyagihugu basaba ko Reta y’Uburundi yoreka gufata minenerwe ikibazo cabo, mu kuvuga ko bagiye mu Rwanda guca ingero, canke bahunze inzara. "Batwambura akami ka muntu, ukwo nikwa guhonyanga ibwirizwa nshingiro n’amateka mpuzamakungu yubahiriza agateka ka zina muntu. Ntawohunga igihugu ciwe, akangaza umuryango wiwe atagira akimwirakanye."


Egide Nduwimana

Messages

  • Le Burundi est parmi les pays ou tout est encore fragile, Son excellence, ntimwumve ngo abo barundi barahunga, harya barazi ico bahunze. rero, umviriza neza ivyo bagusaba, hanyuma uvuge, egome nzobibatunganiriza neza cane, canke ubabwire ko atavyo ushoboye tout simplement, ata guhendana. Abarundi twese, abatwara n’abatwarwa, nidusigeho kuba ubusimbirahamwe, hanyuma dusenyere ku mugozi umwe w’Amahoro, w’Ubumwe n’Iterambere. Ni habe gukeburana, ivy’amatati n’indyane tubishire ku ruhande. Vyanse naho, twirinde intambara no gusesa amaraso y’ubusa, habe kwumvikana biciye mu biganiro vyuzuzanya et non qui divisent. Esperons que tous ces refugies seront rapatries avant meme les élections présidentielles de juin.

  • IVYO NIVYO ABAHUNGA BAGUMURWA NABANTU BARI KU RUSHI NGO GENDA....MBEGA KO BABIBAGWIRA NGO BAGENDE ARIKO BOBO NTIBAGENDE KO BIYITA NGO BARIKUMWE!ABO BANYAGIHUGU BARATEYE IKIGONGWE KUKOBAHENDWA BABONA.

  • mbega yemwe umuntu nka nkuruziza aribaza ko ariwe afise ubwenge wenyene goborora ugworurimi umvuge uti: basirikare ba police ndabasavye mucugere umutekano ntihagire umuntu numwe asubira guhuga mukafata umuntu ariko arara atembere ijoro atera ubwoba abandi yaba imbonerakure ncanke abandi murase ,hanyuma urabe ko umusimwe bataca bataha jiyuja turakuzi buca uyabona

  • BARUNDI BARUNDIKAZI NA CANE CANE LES POLITICIENS NA SOCIETE CIVIL, GERAGEZA KWUMVISHA ABARUNDI BAHUNGIYE MU RWANDA, BAREKE KUVUGA YUKO BAHUNGA IHONYA BWOKO RISHAKA KUGIRIRWA ABATUTSI NO ABARUNDI AHO TUGEZE NTAMOKO TUGISHIRA IMBERE KANDI VYARATAYE IGIHE, KIMWE NIBAVUGE YUKO BAFISE UBWOBA KANDI KOBIPFUZA KWINTWARO ZOHINDUKA, BAREKE KWITWAZA UBWOKO.

  • Trés respectueux le Président, nukur abahunga bo baracagenda. mbe mwoba mwarumvis inkuru y inyuma y ikambi y i mabanda? abatarahunga bo mumabanda mubaremesha mute? hakir agacerere kubija biraba, ha! baracagiye pe. ariko inyishu mumimwe yanyu mutama.

  • iryo jambo biravurwa nimparararo Niki burigihe. musi NGO ibirwanisho bivurwa kobiriko biratangwa bivurwa nande? bivugirwa he he ? imbonerakure zishe nde ? zamwishe? NGO bitume bahunga mukinjana tugezemwo ndavye ibihe uburundi bwaciyemwo sinari ncibaza ko harabarundi bibijuju kugera hiyo

  • Iyaba HABYALIMANA yarafise numero zawe za telefone yoguteye akamo ngo ukize amagara yawe kuko nawene yibazako ahenda amakungu. pauvre Burundi

  • @turugwane kiwelewele
    Perezida ntashobora gusohora ijambo nkiryo wasavye niet,ivyo nivyo mu myaka ya 72 gushika 2005 !Nibagumeyo bo nyne bazigarukana,abasigaye mu mihana mugume mugavye nk’aba nyecibitoke ntibabahwikire!

  • GUTWAGWA NA PIRATO BIRARAMBIRANYE NYABUSA!!UMUNTU YICISHA ITUNGA AFISE ARIRYO BANYAGIHUGU!!!YARAGUYE INDA IRUNUKA.KURA IBIRWANISHO MU MBONERAKURE VYATANZWE TWESE TURABIZI.MWIBA MW IKAMBI TUBONA .EREGA NTA BUJUJU DUFISE REKA DUHUNGE AMAKUNGU ATUBONE .IYUBWOBA IRAHWEZA NIKO MU BUGESERA TUVUGA.

  • Ngo nta mvo n´imwe!!!!!! Imvo ni we nyene. Nk´ubu yovuga ijambo rimwe gusa ati:" sinzitoza" vyoba biheze kuko izo mbonerakure zitera ubwoba abantu ngo kuko badashigikiye ikiringo ca gatatu. Mu gihe kitakibaye vyoba biheze. Amahoro yoca aboneka impunzi zikagaruka. C´est aussi simple que ça Monsieur le président.

  • Murine Libya Umugambwe was mose wari kubutegetsi ukomeye abanyagihugu bati va kubutegetsi nawe atoya ,none ubu arihe?umugambwe wiwe urihe?Niko na cndd FDD bigiye kumera .Irahe babe barasigazaho ivyumba.bakaba bataretse umugambi wabo mubisha.Sadamu,Gobo,Osama,Gaddafi,ntawabasumvya ariko barihe ubu?

  • @JB
    Uri ikijuju,raba abo bose wadondaguye nivyo bihugu nta nakimwe kimeze nk’uburundi,ivyo harimwo petrole n’ubundi butunzi abazungu baronderayo nico gituma baza personnellement,mwebwe babapfuye agasoni bazobareka mugwane ntibageza gusohora ikintu na kimwe kiza kubagwanira,muzoce mubasinyira contrat bwoko ki ?None aba ba libiya bumviye agakokererezo k’abazungu nkuko hari abahutu bumviriza abatutsi n’amaradio yabo,ubu abo ba libiya bari he?Ubu uwobagarukanira umuzimu wa kadafi bowemera,twebwe ntibizirigwa bishika nkivyo muri libiya tuzogitabagura gihere cose hako umututsi asubira kutwifatira!!!Iryo terambere abatutsi ntibari capables kuriduha nabo nyene bashaka kuturya batwicayeko gusa,rero igisigaye nukugwana imwe izoruta iyo twamazemwo imyaka,!!!

  • Mbega abo batutsi bariko barasara ko batwaye imyaka myinshi bamaze iki?ico batumariye twarakibonye.ntakindi bashaka atari ukugendera ku gakanu abahutu bongere kubakorera.ivyo bipfu vy’abahutu biriko birabaha inguvu bikwiye gupfa hako igihugu cosubira mu minwe y’abatutsi.

  • Nivyiza ko President peter yotangimihoho niho abanyagihuhu baramutinya kuko aguma atubahirizamategeko anymore bahungawe navuge ko atitoza bazpgaruka niwe ari problem ntarondere inkoni afise mukwaha

  • Je numva arukwirengagiza umutekano w’abanyagihugu arongoye kuko nkuko uwo munyagihugu yabivuze ntawohunga igihugu kirimwo amahoro ariciwabo!Kohvugwa itangwa ry’ibigwanisho murwaruka rw’imbonerakure umukuru w’igihugu ntihagire icabivugako ?Woca wicara ukarya ukaryama wabonye nezako uwomudasangiye ivyiyumviro vya politique yahawe inkoho irimunzu namasoro yayo?wocawibaza ko arivyo kurasande?Bikiruko nabandi baracahunze kandi natwe ntiturataha ubu!Turavye ibiriko biraba mugisagara ca bujumbura vyoduha ivyizere ko amahoro ari yose

  • Uyumuyagihugu ivyavuga nivyo ndamushugikiye,uti gute?peter araryosharyosha abarundi ngo haramahoro,ntayo pe,intambara yarateye kuko turavyibonera,nkahose mu gihugu,baricwa,barangazwa,abandi bagafungwa,igihugu kikaguurinshwa nkaho atabakivukamwo ubutunzi bwigihugu bugatwagwa,none wosigura ko tuvahe tujahe? Abahunze nibigumireyo kuko barayamaze bati,ureka kugarura impene ikiri hafi yamara kurenza imirambi ukabira nkayo,komera natwe turinyuma,umusirikare wacu nimana yatugize abantu.

  • umukuru w’igihugu yubahirize ibwirizwa shingiro

  • Barundi Barundikazi. Nimwicare Irwandakwanza, Ntimwihutire Kugaruka Nkuko Petero Nyagutabukinda Abivuga. Iconzico Nuko, Atamoko Akivugwa Iburundi Kiretse Imbonerakuregusa. Ikizotwemeze Neza Ko Amahoro Ariho. Nkurunziza Avuge Yuko Atazitoza Tubimenye. Ndetse Nate Turi tanzania Twogaruka. Yapanzeyuko Uwariwewese Azohunguka Bazomutera Numuryangowe. Muragabe. Igituma Azokwicwa Nuko Yabamaramaje Mubindi Bihugu Birimumahoro. Mana fasha Uburundi Nabarundi . Nitwa Kayezu Arsene. Ibwambarangwe Mukirundo. Ndavuga Nizina Kuko Simbatinya. REKA NDABAHE NANIMERO 0788176359 AU 0655173402

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.