Accueil > Amakuru > u Burundi > Politike ya «charoi zéro» igiye kuja mungiro kuva mu kwezi kwa (...)
 Politike ya «charoi zéro» igiye kuja mungiro kuva mu kwezi kwa Ruhuhuma
 Politike ya «charoi zéro» igiye kuja mungiro kuva mu kwezi kwa Ruhuhuma
				
				mardi 22 Nzero 2013
Umushikiranganji w’ibikorwa vya leta no gutwara abantu n’ibintu ,Moise Bucumi yaramenyesheje ko politike nshasha bise« charoi zéro» izotangura kuja mungiro itariki 1 y’ukwezi kwa Ruhuhuma uyu mwaka.
Nk’uko bishikirizwa na Moise Bucumi, ngo kuva kuri iyo tariki abashikiranganji bazohora biyunguruza mu miduga yabo aho kwiyunguruza mu miduga ya Leta.Ivyo ngo bikazotuma Leta ihungukira amafaranga angana imiriyaridi indwi z’amafaranga y’amarundi( 7 milliards fbu).
Ayo mafaranga akaba yahora akoreshwa mu  kugura ibitoro no  gukoresha iyo miduga mu gihe ipfuye, nk’uko uwo mushikiraganji  abandanya abivuga.
Gushika mu kwezi kwa Ruheshi ngo bategekanya ko imiduga  ya Leta  igera ku 500 izoba yamaze gukurwa mu mabarabara,ivyo bikaba bibandanya gushikirizwa na Moise Bucumi.
Iyo politike ya« charoi zéro» rero ngo ntiraba abategetsi bo hejuru gusa ,n’abatwara ibisata mu bushikiranganji butandukanye izobakorako .Ubushikiranganji budafatwa n’iyo ngingo bukaba ari ubw’umutekano n’ubwo kwivuna abansi.
Marie Claire Ingabire
