IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Prosper Bazombanza ahamagarira abatariyandikisha kurondera ivyangombwa

Prosper Bazombanza ahamagarira abatariyandikisha kurondera ivyangombwa

mardi 24 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza ahamagarira abanyagihugu batashoboye kwiyandikisha kurondera indangamuntu kugira baze bashobore kubikora mw’iyandikwa ryimirije, akaba yabisihikirije mu nama yahuje abasanzwe baserukira ibihugu vyabo n’amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu Burundi.

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza ,yarahuye n’abasanzwe baserukira ibihugu vyabo mu Burundi hamwe n’abaserukira amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu Burundi. Iyo nama ikaba yari ifise intumbero yo guhanahana ivyiyumviro ku vyerekeye ibibazo bitandukanye biriko biravugwa muri kino gihe.

Muri iyo nama, ku cerekeye ca gitero caba mu ntara ya Cibitoke, Bazombanza Prosper yamenyesheje ko Reta y’Uburundi yamaze gushiraho umurwi wo gutohoza kugira bimenyekane koko nimba hari abarwanyi bishwe kandi bishikanye mu maboko y’abasirikare n’abajejwe umutekano. Ku cerekeye naho amatora yegereje, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza yamenyesheje ko imyiteguro iriko irabandanya ukuri kwamye mu murwi CENI. Ariko akaba yasavye abo bose batashoboye kwiyandikisha, kurondera indangamuntu kugira baze bashobore kwiyandikisha mw’iyandikwa ryimirije.

Ku cerekeye intwaro ibereye, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza yamenyesheje ko ikibazo kiriko kiravugwa cane ari idosiye ya Bob Rugurika umuyobozi w’iradiyo y’abanyagihugu RPA. Akavuga ko ashima kubona ubutungane bwarakoze neza ico bwategerezwa, mu bwigenge, ariko kandi arashima kubona Bob Rugurika azobandanya yitaba ubutungane yidegemvya. Akaba yasavye ko borindira mu mutekano ibizokurikira kuko amatohoza ku rupfu rw’abababikira b’abatariyanokazi bagandaguwe akibandanya.


Floxella karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.