IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Prosper Bazombanza : Imirwi ihungabanya umutekano yamenyekanye

Prosper Bazombanza : Imirwi ihungabanya umutekano yamenyekanye

vendredi 7 Munyonyo 2014

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Prosper Bazombanza amenyesha ko imirwi y’abagizi ba nabi imaze iminsi ihungabanya umutekano mu gisagara ca Bujumbura yamaze kumenyekana.

Abanyagihugu bo muma komine ya Kinindo na Kanyosha baratewe amakenga n’imirwi y’abagizi ba nabi bitwaje ibirwanisho imaze iminsi yiyerereza muri ayo makomine, rimwe na rimwe ikiba ku mihana y’abanyagihugu, canke igahitana ubuzima bw’abantu.

Mu nama yahuje abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi kuri uwu wa gatanu, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Prosper Bazambanza yamenyesheje ko igiporisi c’Uburundi camaze kumenya iyo mirwi imaze iminsi ihungabanya umutekano. Nk’uko Prosper Bazombanza yabishikirije muri iyo nama, abo bitwaza ibirwanisho bagizwe n’imigwi ibiri y’abagizi ba nabi bimonogoje mu makomine ya KININDO na KANYOSHA yo mu gisagara ca Bujumbura.

JPEG - 34.8 ko
Prosper Bazombanza, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Prosper Bazombanza ati : "Umugwi wa mbere w’abo bagizi ba nabi ugizwe n’abarekuwe bahora mu munyororo mu mabohero atandukanye, bagaca basubira gukora ububisha.

Umurwi ugira kabiri nawo ugizwe n’urwaruka rutagira akazi rwo muma karitiye ya KAMENGE, NGAGARA, KANYOSHA, KININDO na BWIZA, rwikinga ijoro rukaja mu busuma n’ukurondera kurya ivyo rutabiriye akuya.

Muri iyo nama yari yatumiwemwo abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu mw’ihoteri Source du Nil, Prosper Bazombanza, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, yabwiye abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi ko inkuru zijanye n’umutekano muke zimaze iminsi zishikirizwa, ziva ahanini ku bimenyeshamakuru bikoresha imvugo y’indenzarugero, hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike nayo nyene arenza urugero.


Egide Nduwimana

Messages

  • erega nyakubahwa reka kubesha abantu birazwi kwarabantu bateguwe na sotiete civil ikoranye nabanywanyi ba msd na adc hamwe nanzabampema akoranye na FD RR NGO baronke icotuma CNdd FDD idasubira gutsinda ninaco gituma hagize agakoma RPA ica isamiriza NGO reta vyayinaniye gucungera umutekano wabo ijejwe mugomba kumenya neza ko pasifque rufyiri mbonimpa vitari RPA bokoranye na ADC barahiye bararengwa ko kuneza canke kunabi cndd FDD idasubira gutwara ikindi naco mutama mukwiye gusubiramwo urwego rujejwe iperereza kuko ntivyumvikana nagato ukuntu mugihugu harabantu bakora amanama ijoro numurango yoguhungabanya umutekano bakageraho bakoresha namafaranga meshi iperereza ntiribimenye murabeneza murabona kwakaZi kigihugu atamwanya kagihabwa abategetsi bibereye muri businnes

  • Buretse muta guhenda abantu ngugwaruka rutagirakazi..ngwabahoze mumunyororo..!!??nivyuvugaturazi kwarivyo ubanza gutamikwa kuko nawewe urazi aho ukurikuri.Ntawutaziko abariko bahungabanya umutekano ari imigwi izwi neza ipanzwe neza na leta yuburundicane cane Documentation,abonabo ni Imbonerakure zahora I congo na fdlr,igikorwa mwabahaye kirazwi kwironderera ingene babaho kuko mutoronka ingene mubahemba bose hamwe nukwica atavugarumwe na leta benuguterubwoba abanyagihugu bababwirakuzotora cndd canke babice.

  • uwumugore mwashize aho kwifoto ?umutekano urakwiye kuriwe kuko yabigwa neza akanayivyinira ibisisgaye ntimumubaze suhari wewe afise umugabo amurarira beza

  • ego mama!ng nurwaruka rutagra akazi??mhuuuh!ikibabaj nuko ureka kuvga ukuri kandi ukuzi! ntawimena ighute mutama vyiza mwohnduka!

  • none abarundi bashaka gutaha ntibazohava bagira ubwoba Kubera umutekano muke

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.