IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Raba urutonde rw’abakobwa beza bavuka ku bakuru b’ibihugu vy’Afrika

Raba urutonde rw’abakobwa beza bavuka ku bakuru b’ibihugu vy’Afrika

vendredi 24 Ndamukiza 2015

Urutonde rw’abakobwa b’abakuru b’ibihugu beza kurusha abandi, rwakozwe n’ikinyamakuru Forbes hamwe no ku mbuga ngurukana bumenyi 4, rwagiye ahabona.

Mu kibanza ca mbere c’urwo rutonde, hari Ange Kagame, umukobwa w’umukuru w’igihugu Paul Kagame wo mu Rwanda.

Raba uko abo bana b’abakuru b’ibihugu vy’Afrika beza baza barutana mu bwiza

1. Ange Kagame (Rwanda)

Umukobwa wa Paul Kagame, wo mu Rwanda, yagiye aboneka cane ari kumwe na se wiwe na cane cane igihe Paul Kagame yagendera Barack Obama, umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe z’Amerika. Ange Kagame agakunda gukora ibikorwa bizana iterambere mu gihugu ciwe.

2. Umuganwakazi Sikhanyioso Dlamini (Swaziland)

Umukobwa wa mbere w’umwami Mwatsi III wo mu gihugu ca Swaziland, bakunda kwitwa Pashu, agira kabiri mu rutonde rw’abakobwa beza.Nk’umwana w’umwami, Pashu yatangaje benshi, aho yatangura kuririmba indirimbo zo mu mudiho wa Rap mbere agakina n’amareresi.

3. Malika Bongo Ondimba (Gabon)

Malika Bongo Ondimba ni umukobwa wa mbere wa Ali Bongo Ondimba, yagiye amanyekana mu gihugu ca Gabon kubera yitaho ibikorwa vy’imibano, hamwe n’agateka k’abakenyezi.

4. Isabel Don Santos (Angola)

Ku myaka 40 y’amavuko, Isabel Don Santos, umukobwa wa Perezida Dos Santos wo mu gihugu ca Angola niwe yagiye mu kibanza ca kane mu bakobwa beza b’abakuru b’ibihugu bo muri Afrika. Isabel Dos Santos ni umugore wa mbere atunze kurusha abandi muri Afrika, nk’uko ikinyamakuru Forbes cabimenyesheje.

5. Ngina Kenyatta (Kenya)

Umukobwa wa Uhuru Kenyatta, umukuru w’igihugu ca Kenya aza mu kibanza ca gatanu. Ngina Kenyatta ni igihagange mu gihugu ca Kenya, agakunda kuboneka mu bikorwa vy’imibano.

6. Thuthukile Zuma (Afrique du Sud)

Thuthukile Zuma ni umukobwa mutoyi wa Jacob Zuma, umukuru w’igihugu w’Afrika y’Epfo.

7. Anastacia Brenda Biya (Cameroun)

Umukobwa w’umukuru w’igihugu ca Cameroun, Paul Biya, akunda kuboneka cane ku mbuga ngurukana bumenyi, aho akurikirwa n’abantu bagera 3000 ku rubuga rwiwe rwa Instagram.

8. Bona Mugabe (Zimbambwe)

Umukobwa w’umukuru w’igihugu wa mbere ashaje kw’isi, Robert Mugabe atwara igihugu ca Zimbambwe, yafashe ikibanza c’umunani ku rutonde rw’abakobwa b’abo bakobwa beza muri Afrika. Bona Mugabe akaba yaranonosoye amashure y’ubutunzi.


Lorene N

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.