IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Radio ISANGANIRO na REMA FM zuguruwe

Radio ISANGANIRO na REMA FM zuguruwe

vendredi 19 Ruhuhuma 2016, par egide

Inyuma y’amezi icenda hari amaradiyo n’imboneshakure yigenga yugawe, ikigo kijejwe kugenzura itangazamakuru mu Burundi CNC (Conseil National de la Communication) camenyesheje ko kuva kuri uwu wa gatanu insamirizi zibiri arizo ISANGANIRO na REMA FM zirekuriwe gusubira gukora ukuri kwamye.

Mu kigo CNC (Conseil National de la Communication) bamenyesheje ko izo nsamirizi zibiri, ISANGANIRO na REMA FM zuguruwe inyuma y’ivyigwa vy’ama dosiye kuvyari vyagirijwe izo nsamirizi zari zugawe zikaba zisubiriye kwugururwa.

Abaserukira ayo maradiyo yuguruwe babanje gutera umukono ku masezerano biyemeje mu bijanye n’ugukurikiza amategeko agenga ukurondera hamwe n’ukumenyesha amakuru.


IGIHE

Messages

  • Nivyiza niba isanganiro yuguruwe mugabo barabe neza kwiyoreta yabicanyi idashaka kwabo banyamakuru banyeguruka kugira babamarire murivyabinogo rusangi birirwa baratamwo inzirakarengane nkuko babigize ubushize ngobafunguye abari bafunzwe bazira kwiyamiriza ihonyangwa ryamategeko rigirwa na nkurunziza nakarwi kiwe munyu bagacabagaruka bakabagandagura ubu akaba atanuwo kubara inkuru asigaye ikindi naco ntibemere ko babatamika ijambo aho bazohava basanga bariko baravuga gusa iyakokarwi gasha

  • Baze basubire gushigikira aba apprentis putchistes canke aba apprentis combattants

  • TURASHIMWE IYONGINGO YOKUGURURA AYO MARADIYO MUGABO NUKURABAKO BA SINDUMUJA NTIBASUBIRE KUYAGUMURIRAKO ABENEGIHUGU HANYUMA AKAZIKEZA MUGABO UBWAMBERE DISPRINE

  • Nisawa boduha amahoro icutipfuza ko bakugirira ntuzokigirere abandi

  • Abanyamakuru murabe neza ntimuce mwirara ngo muremerewe gukora ngo muhave muhunguka muva aho mwahungiye! Usanga ari umutego kugira bafate abo bashakamwo! Cane mw’isanganiro nayo Rema yoyo bari bayugaye kugira babanze basubirize ivyuma vyari vyaraturiwe!
    Muragabe! Musenge kandi mwirinde ubwicanyi!

  • Mbe Ernest, igihe za mujeri z’aba SANS ECHEC zaturira abahutu mu Nyakabiga, zikica zihagarikiwe n’abasoda b’abatutsi twatazira abakomagu canke ibinywamaraso, bwa bundi abatutsi ngirango mwoba mufise akagorane m’ubwonko. Mbe mwari muzi ko mutava amaraso? Mbe mwari muzi ko muva amata? Abajejwe umutekano ntibica inzirakarengane nk’uko mubandanya mubikora mugutera amagerenade. Bo barasa abariko bagaba ibitero vy’iterabwoba. S’ukubarasa gusa ahubwo mutaretse ivyo bikorwa vy’iterabwoba ahubwo TUZOBAMESA.

  • Sanganiroweee! Samirana Eka Nukri Twar Tkunyotew Can.Mbeg Rpa Yo Gte?

  • nivyiza cane kozongeyegusamirana arlo zikurikiz amategeko ntizongere guca umutima abenegi gihu

  • Yemwe Vyari Vyiza Kwugurura Ayo Maradio,ariko Ndasavye Nshimitse Ntibaje Muburundi Kuko Twamaze Kumenyako Hari Umugambi Wokubica Kuko Atakundi Bobaronka,nico Kimwe Nabo Bakuyeko Imitahe Mpuzamakungu Ntimuze,kuko Hasigaye Akanya Gato Mugaha Mugihugu Canyu Ataco Mwinuba Umukuru Witerabwoba Peter Nkurunziza Agira Veko,kuko Bitabaye Uko Mwogira Ngo Muraje Mukaruhukiri Mubinogo Rusangi,kuko Babarondeye Bakabubura Nico Gituma Babuze Ivyo Bashaka Bagira Batore Ivyobabonye Guma Mwihanganye Muri Mukuza Pe Turabasengera.

  • Ni vyiza ko amaradiyo agiye gusubira gusamirana ariko bubahirize amategeko kandi bamenyeka baje gukorera igihugu n’abenegihugu bataje kubabwira ibihuha ngo bate igihugu cabo bagorerwe mu mahanga. Abo nabo batifuriza abamenyeshamakuru gutaha n’uko bafise intumbero ariko twarabamenye. Ayo maradiyo yuguruwe niyaguma yumviriza abanyoye ibiyayuramutwe bahawe n’abanyepolitike bataye umurongo ni kazi kabo. RPA nayo yarironkeye aho ivugira ntikeneye kugaruka mu gihugu cacu. Ariko nabayakiriye burakeye kabiri izobakura udushambara abaremeke inteba ishushe. Igihugu cubakwa n’abagikunda nticubakwa n’abatera amagrenade ibibondo ,abakecuru n’abakenyezi n’abandi bazira ubusa. Ayo maradiyo rero turayateye intege mugabo ahumurize abenegihugu areke kubaca intege

  • turashimwe ingingo yafashwe yakugurura aya maradiyo.mugabo azoz aratangaza amakuru yo adacinishamwo abenegihugu nka RPA MURAKOZ

  • turashimwe ingingo yafashwe yakugurura aya maradiyo.mugabo azoz aratangaza amakuru yo adacinishamwo abenegihugu nka RPA MURAKOZ

  • Turashimye Mutugarukaniye Ayama Radio,giravuba Erizze Atangure Kutumenyesa Inkino Zabaye.Murakoze Turashimye.Ijwi Ry’abanyagihugu(E R P A) Komutaryuguruye?

  • Turashimye Mutugarukaniye Ayama Radio,giravuba Erizze Atangure Kutumenyesa Inkino Zabaye.Murakoze Turashimye.Ijwi Ry’abanyagihugu( R P A) Komutaryuguruye?

  • Indwara mukuza irihuta mukugendikitonda.Nugushima biriko biraza nibagerageze ubwicanyi nabwo buhere!

  • none izora dion tuzikwirikirana kuri megaye zingahe

  • vrement,turashima kubabuguruye izinsamirizi,ahubwo baraba nizisigaye bazugurure kuko ata mwana n’ikinono,en plus de ça,icotutaramenya ntituziyuko,n’ibiganiro birekuriwe kwumvirizwa

  • Nivyiza Twebwe Twishaki Nkino Gusa Ibisiye Nivyabanye Porotike

  • TUzikwirikira Kuri Emeil Kangahe

  • Nukuri Izo Radio Zuguruwe Hageze Kuko Ntacozibuza Ntamakosa Zakoze Nivyizacane.

  • Ndashimye Cane Kubona Izonsamirizi Mugaboturashakakunya Megaye Isamiranirako Murakoze

  • Nivyiza Kweri None Zizotangura Gukora Ryari?

  • ko ntarazunv ko zivg mbarr kont yay

  • KONTARAZUNVA.ZISAMIRANA.MWOBAMUKOZE.KUZUGURURA.

  • RPA YOYO NIBIKI?IZUGURUGWA RYARI?

  • EMWE NDARYOHEW CANE MUGABO SINZI KO ZIROSHIKA IMIHINGO YOSE.

  • Ego Komeza Muzugurure Maze Na R.P.A Nayo Muze Muyugurure Maze Nayo Ikorere Kumutaga Ikurikize Amateka Amategeko Uburundi Butere Buja Imbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.