IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rango : Umugore w’imyaka irenga 45 yiyahuye

Rango : Umugore w’imyaka irenga 45 yiyahuye

vendredi 6 Nyakanga 2013

Hari umugore wo muri komine Rango yo mu ntara ya Kayanza yaraye yiyahuye, yimanitse ku giti c’ivoka, mu gihe bamuherutse aroye guseha inkwi z’urubanza.

Ababanyi bavuga ko uwo mugore w’imyaka irenga 45 y’amavuko, bamuheruka mu gihe yari aroye guseha inkwi zo gukora mu rubanza rw’ubugeni bw’umukobwa wiwe, buzoba kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo rya 7 Nyakanga uyu mwaka turimwo. Uwo yaraye yiyahuye, ngo ntangorane n’imwe yari afitaniye n’umuntu n’umwe, haba mu babanyi canke mu muryango.

Amakuru ava muri bamwe mu muryango wiwe avuga ko, amatohoza yatanguye kugira icatumye uyo mukenyezi yiyahura kimenyekane. Ariko rero kuri uyo musozi wa Gikomero uri muri komine Rango, abantu ntibakunda kwiyahura, bamwe bagenda bafise ingorane mu mutwe, hanyuma imiryango yabo ntiheze ngo imenye amayongoberero yabo. Amaziko y’uwo mukenyezi akaba ahejeje kuba, nk’uko ayo makuru abandanya avurwa n’abamwe mu muryango w’umuhisi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.