Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Abantu cumi na batanu baturiwe baraka imbere y’isinzi ry’abantu
 RDC : Abantu cumi na batanu baturiwe baraka imbere y’isinzi ry’abantu
 RDC : Abantu cumi na batanu baturiwe baraka imbere y’isinzi ry’abantu
				
				mardi 10 Ruheshi 2014
Mu Bumanuko bwa Kivu yo mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, abantu barenga 30 nibo basize ubuzima mu bwicanyi bufatiye ku moko, mu mpera z’iyi ndwi twarangije.
Mu nama nshikiranganji yakoranye yo mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, yamenyesheje urupfu rw’abo bantu, ndetse ica irashira ku mugaragaro n’ubusuma bw’inka bwaciye bukurikira. Abanyagihugu bo mu Bumanuko bwa Kivu ahabereye ako kaga, bakavuga ko abo bicanyi batari kure, kuko bari bamaze iminsi ndetse banabicura.
Mwomenya ko inyuma y’ubwo bwicanyi, abantu bashika cumi na batanu baciye bafatwa n’abanyagihugu bagirizwa kuba bari mu bagize ico gitero, baca baricwa babanje guturirwa, imbere y’isinzi y’abanyagihugu. Reta yo mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo ikaba yateye ivyatsi iyo nyifato y’abanyagihugu yo kwihanira, kugeza ku rugero rwo guturira umuntu abona, co kimwe n’abagandaguye abanyagihugu.
Aristide Nizigire
