Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Abarwanyi ba M23 basubiranyemwo hagati yabo
 RDC: Abarwanyi ba M23 basubiranyemwo hagati yabo
 RDC: Abarwanyi ba M23 basubiranyemwo hagati yabo
				
				mardi 26 Ruhuhuma 2013
Abantu 8 harimwo uwufise ipete rya major nibo baguye mu ntambara yadutse hagati yabarwanyi b’umuhari wa M23.
Intandaro yiyo ntambara akaba ari ugusubiranamwo kwabo barwanyi baheruka kwicamwo imirwi ibiri. Uruhande rw’abashigikiye Jenerare Sultan Makenga hamwe n’uruhande rw’abashigikiye Mariya Yohani Runiga.
Ivyo bikaba bibaye mu gihe abakuru b’ibihugu vy’Afrika baheruka gushira igikumu ku masezerano yo guhagarika intambara muri Repuburika Iharanira Intwaro Rusanga ya Congo.
Ingabire Luc-Noel

Messages
23 Rusama 2015, 21:33, par Styven
Niyirambire Hamwe Numudyango Wiwe .
23 Rusama 2015, 21:33, par Styven
Niyirambire Hamwe Numudyango Wiwe .