IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Abasirikare batandatu bapfuye barashwe n’abikekwa ko ari aba (...)

RDC: Abasirikare batandatu bapfuye barashwe n’abikekwa ko ari aba FDLR

mardi 1er Nyakanga 2015

Abasoda batandatu bari mu bacunga umukuru w’igihugu barishwe barashwe n’abantu vyikekwa ko ari abarwanyi b’umuhari FDLR,mu buseruko bwa Kongo,muri zone ya Kivu yo mu Buraruko.

Justin Mukanya musitanteri wa Rutshuru yavuze ko ari imodoka y’igisirikare yarimwo abasirikare b’igihugu yatezwe umutego ku birometero 50 mu buraruko bw’umurwa mukuru wa Kivu yo mu Buraruko,abasirikare batandatu baca batera bitaba Imana uwo mwanya nyene.

Justin Mukanya yavuze ko gushika ubu abakoze ubwo bwicanyi bataramenyekana,ariko ko amatohoza ariko araba kugira abakoze ubwo bwicanyi bamenyekane.

Ayandi makuru ava mu nzego z’umutekano aho mu gihugu ca Republika iharanira Demokrasi ya Kongo amenyesha ko,iyo modoka yarashwe yarimwo umutegetsi umwe wo mu murwi w’aba FDLR yari ahanywe guciribwa urubanza bagenzi we banka ko ashikanwa iyo ajanywe baca barasa imodoka yarimwo nawe nyene apfana n’abandi.

Mwomenya ko akarere ka Rutshuru ari kamwe mu turere twiganjemwo abarwanyi b’umuhari FDLR kuva mu mwaka w’1994.


Van Naris Mugisha

Messages

  • FDLR murayibeshyera. Bishwe n’ingabo za Rukarabankaba Kagome. Ubu iyo nkoramaraso ngo noneho irashaka n’uburundi!! Gusa bizayigora kuko abarunda bazakubita kagame ka gafuni yakubise abahutu bo mu rwanda na kongo.

  • None se mu Rwanda zankotanyi zakera ubu zahinditse izamabinga zikaba zirangwa n’imidigi (kabarebe cg Rurayi Gasana uyobora police mu Rda)aho sizo zabicishije . Aba congolais nibatitonda izo Nkoramaraso zizabamara

  • umuyobozi wacu mumushaho iki?mwabarundimwe?turabaha ubuhungiro mukatwidogahi mwemwishe abatutsi bangana iki?mwankoramarasomwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.