Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Batanu bagirizwa urupfu rwa Floribert Chebeya baciriwe gupfungwa (...)
 RDC: Batanu bagirizwa urupfu rwa Floribert Chebeya baciriwe gupfungwa ubuzima bwose
 RDC: Batanu bagirizwa urupfu rwa Floribert Chebeya baciriwe gupfungwa ubuzima bwose
				
				vendredi 14 Myandagaro 2015
Abapolisi batanu bagirizwa urupfu rwa Floribert Chebeya baciriwe gupfungwa ubuzima bwabo bwose na sentare nkuru y’igisirikare mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.
Floribert Chebeya yari arongoye ishirahamwe la Voix des sans-voix,yatowe yapfuye kw’igenekerezo rya 2 Ruheshi 2010,mu gihe yari yatumweko ku biro vy’igipolisi kugira abonane n’uwari arongoye igipolisi muri ico gihe John Numbi.
Naho John Numbi yagumye ahakana ko atigeze atumako Floribert Chebeya ngo babonane,uruhande ruburanira Floribert Chebeya rumenyesha ko ariwe aza mu kibanza ca mbere mu bafise ico bazi kuri urwo rupfu.
Umudereva yatwara imodoka ya Floribert Chebeya ntaratorwa kuva uwo yatwara yitavye Imana,ubutungane bwaramaze kuvuga ko nawe yishwe naho nyene ikiziga ciwe kitaraboneka kuva mu mwaka w’2010.
Van Naris Mugisha
