Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Hari imiryango iriko ikorwako iterabwoba na M23
 RDC : Hari imiryango iriko ikorwako iterabwoba na M23
 RDC : Hari imiryango iriko ikorwako iterabwoba na M23
				
				jeudi 25 Mukakaro 2013
Ku rubibe Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo ihana n’Urwanda, haravugwa imiryango iriko ikorerwa iterabwoba n’abarwanyi bo muri M23 yagirizwa kuba ariyo yatanze amakuru ku bakozi b’ishirahamwe ryitaho iyubahirizwa rya kiremwa muntu, Human Righs Watch.
Ikinyamakuru AFP kimenyesha mbere ko hari n’umukenyezi yibugenze yoba yaracumiswe imbugita n’abo barwanyi ba M23, ubu akaba ari mu bitaro.
Abaharanira agateka ka zina muntu muri Congo bamenyesha ko M23 iriko igerageza gukandamiza abanyagihugu kugira batere umukono ku maserano yemeza ko ibiri mu cegeranyo ca Human Right Watch ari ikinyoma.
Iryo shirahamwe rifise icicaro mu gisagara ca New York ryarasohoye kuri uyu wa mbere icegeranyo aho bivugwa ko kuva mu kwezi kwa Ntwarante, mu gace ka Kivu yo mu buraruko, hamaze kwicwa bunyamaswa abanyagihugu 44, abakenyezi n’abigeme 61 barafatwa ku nguvu, abanyagihugu batari bake nabo, cane cane abana bakaba barinjijwe mu barwanyi ku gahato.
Egide Nduwimana
