Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Hatanguye imyiyerekano yo kwiyamiriza ko amatora yigizwa (...)
 RDC: Hatanguye imyiyerekano yo kwiyamiriza ko amatora yigizwa inyuma
 RDC: Hatanguye imyiyerekano yo kwiyamiriza ko amatora yigizwa inyuma
				
				mardi 15 Nyakanga 2015
Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 15 Nyakanga2015 ,Imigambwe itavugarumwe na Reta muri Republika iharanira Demokrasi ya Kongo yahamagariye abanywanyi bayo kwitaba imyiyerekano yo kwiyamiriza ko amatora y’umukuru w’igihugu yigizwa inyuma.
Amatora y’umukuru ategeanijwe mu kwezi kwa Munyonyo umwaka uza w’2016.Mu ndwi iheze,sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro yasavye ko ikirangaminsi c’amatora gisubirwamwo.
Ingingo yo kwigiza inyuma amatora yatumye abatavuga rumwe na Reta,bavuga ko ari imigambi yo gutuma umukuru w’igihugu Joseph Kabila aguma ku butegetsi kandi ikiringo ciwe carangiye.
Mu kwezi kwa mbere, imyiyerekano yo kwiyamiriza ko ibwirizwa nshingiro rihinduka,rigahava rituma amatora ateba,yaguyemwo abantu bashika 36.
Umukuru w’igihugu Joseph Kabila yashitse ku butegetsi mu mwaka w’2001.Ibwirizwa nshingiro ry’igihugu rivuga ko ata mukuru w’igihugu arenza ibiringo bibiri atwara igihugu.
Van Naris Mugisha

Messages
15 Nyakanga 2015, 21:12, par Niyibogora Firmin
Nakinyiganze Yaragikoreye Nkamutamawacu Wuburundi!!!
16 Nyakanga 2015, 17:32, par INTAGOHEKA
ABAGWANYAKO IKIRANGAMISI CAMATORA CIGIZW INYUMA NIYOBABARIBESHI BAZOBISHIKAKO NIYO BABA BARIKURUSHI BAZOSHIRA NKIFU YIMIJIRA NKABAMWE BOMURIYAMAKARITIE YAGUMUKA MUGISAGARA CABUJUMBURA KUBERA IYOBAZ AKUBA BESHI BARIGUTSINDA.NIKUBERA BARINKEHWA
19 Nyakanga 2015, 08:41, par Sabiyumva JAEN CLUODE
NGOBABAHAMAGARIYEMUMIGUMUKO HIBAMBEWE !!! MBEGAABANYAGIHUGUTUZOCUBWENGE DYARI ? BARABASHUKA MUKEMERA !!! NTIMUZI AKAHITIYE MUBURUNDI ? NIMUREKE ABO BANYEPORITIKE BANYINYANEBONYENEUBWABO NAYAHANDIHOMURAHERA.