Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Ikiyago ca politike kiri kure nk’ukwezi
 RDC : Ikiyago ca politike kiri kure nk’ukwezi
 RDC : Ikiyago ca politike kiri kure nk’ukwezi
				
				dimanche 11 Myandagaro 2013
Umushikiranganji w’imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu, Didier Reynders aritezwe kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 11 Myandagaro 2013 mu rugendo rw’iminsi itatu mu gihugu ca Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Mu bimuzanye, ikibazo c’umutekano muke urangwa mu buseruko bwa Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo kiri imbere.
Urwo rugendo rwa Didier Reynders ruje mu gihe muri ico gihugu hatangajwe ikiyago ca politike hagati y’ubutegetsi n’abatavuga rumwe nabwo. N’aho biri ukwo, bamwe mu migambwe itavuga rumwe na Leta imenyesha ko batarota bitaba ivyo biganiro bafata nk’inkinamico.
Jean-Baptiste Sondji wo mu mugambwe FPC (Front des Patriotes Congolais) yagiriza umukuru w’inama nshingamateka na nkenguzamateka kuba bariko bafata ikibanza kitari icabo mu gutunganya ico kiyago kandi hariho umuhuza yatowe.
Didier Reynders, umushikiranganji w’imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu amenyesha ko ikiyago hagati y’abanyepolitike arico conyene kizobafasha gukemura ibibazo badahurizako. Ku bwiwe, abaganira boshimikira ku mpinyanyuro zo mu gisata c’igisirikare, igipolisi, muri rusangi boganira ku mutekano atari uwo muri buseruko gusa, ahubwo wo mu gihugu cose. Biciye muri ico kiyago nyene, Didiers Reynders amenyesha ko batokwibagira kuvugana ku nteguro isa n’iyiriko irateba y’amatora yo mu ntara.
 
- Didier Reynders, umushikiranganji w’imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu
Egide Nduwimana
