Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Ingingo iraba isuzumwa ry’amasezerano ya 23 ntwarante 2009
 RDC: Ingingo iraba isuzumwa ry’amasezerano ya 23 ntwarante 2009
  RDC: Ingingo iraba isuzumwa ry’amasezerano ya 23 ntwarante 2009
				
				jeudi 7 Ruhuhuma 2013
I Kampala muri Uganda ahabera ibiganiro hagati ya Reta ya Congo Kinshasa n’umuhari M23, uyu munsi barangije igice ca mbere c’ivyo biganiro.
Impande zompi zashize umukono ku ngingo ya mbere y’amasezerano, ingingo iraba isuzumwa ry’amasezerano yabaye kw’igenekerezo rya 23 ntwarante 2009.
Izo mpande zompi zaranemeranije ko ibitakozwe bigiye gushirwa mu ngiro.
Bamaze gusinya, impande zompi n’umuhuza baciye baha ikiganiro abamenyeshamakuru,
Sylvere Bavumiragiye
