IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Isanganya ry’ubwato ryahitanye abantu 129 mu kiyaga Tanganyika

RDC : Isanganya ry’ubwato ryahitanye abantu 129 mu kiyaga Tanganyika

lundi 15 Kigarama 2014

Abantu 129 nibo basomye nturi bivuye kw’isanganya ry’ubwato mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Congo, mu kiyaga Tanganyika. Isanganya ryaturutse ku muyaga n’ubwato bwari buremerewe cane.

Abasanzwe bajejwe gutabara barovye ibiziga 129 bigizwe n’abagabo,abagore n’abana nk’uko bishikirizwa na Laurent Kahozi Sumba, umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu mu ntara ya Katanga, ku munsi wa gatandatu akaba yavuga ko iryo sanganya ryahitanye abantu 26 gusa.

Abashoboye gucika kw’icumu baharurwa mu 232, bagizwe ahanini n’abagabo, nk’uko uwo mushikiranganji abandanya abishikiriza. Aho agasigura ko abajejwe gutabara bashoboye gutabara abari bagihema bakaba barokotse kuko bashoboye kwifatikiza ibibido canke ibindi bikoresho vyariko bireremba ku mazi . Uwo mushikiranganji akaba amenyesha ko bakiriko bagerageza kurondera aboba bakiri bazima hamwe no kuroba aboba bamaze kwitaba Imana.

Iryo bara ryabaye ku munsi wa kane mw’ijoro,ubwo bwato bukaba bwari butwaye abantu n’ibidandazwa bukaba bwaciye bwubama kuko bwaru buremerewe n’umuyaga ukaba wari mwinshi.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.